Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zimbabwe : Emmerson Mnangagwa asabira igihugu gushigikirwa n’amakungu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Emmerson Mnangagwa asabira igihugu gushigikirwa n’amakungu

Zimbabwe : Emmerson Mnangagwa asabira igihugu gushigikirwa n’amakungu

jeudi 23 novembre 2017

Mw’ijambo yashikirije abanyagihugu kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 22 Munyonyo 2017 aho yari avuye mu gihugu ca Afrika y’Epfo, Emmerson Mnangagwa yavuze ko igihugu ca Zimbabwe gikeneye ubuzi no gushigikirwa n’amakungu.

Emmerson Mnangagwa yaimiye kandi abasirikare bamushigikiye , mu gihe uwahora ari umukuru w’igihugu Robert Mugabe yari yamwirukanye mu mabanga yo kuba icegera c’umukuru w’igihugu.

Uwo agiye kurongora igihugu ca Zimbabwe yashimiye kandi abasirikare kuba barashoboye gushira ibintu ku murongo mu mahoro ata maraso asesetse.

Vyitezwe ko Emmerson Mnangagwa arahirira kurongora igihugu kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 24 Munyonyo 2017.

Emmerson Mnangagwa yari yahungiye mu gihugu ca Afrika y’Epfo. Yabwiye abari baje kumutegera ko yari yahunze igihugu kuko ubuzima bwiwe bwari bubangamiwe.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.