Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Igiporisi cafashe umuvugabutumwa yavuze ko umukuru w’igihugu (...)
Zimbabwe : Igiporisi cafashe umuvugabutumwa yavuze ko umukuru w’igihugu Mugabe azopfa vuba
mercredi 18 Nzero 2017, par
Igiporisi muri Zimbabwe cahagaritse congera kirapfunga umumenyeshamana yabuye ko umukuru w’igihugu Robert Mugabe azopfa mu kwezi kwa cumi muri uwu mwaka w’2017.
Pasitori Patrick Mugadza yahagaritswe ari muri sentare ku mugwa mukuru i Harare ku musi wa mbere, aho yari yitavye urundi rubanza, nk’uko uwumuburanira, Gift Mtisi yabibwiye abamenyeshamakuru. BBC ivuga ko uwo muvugabutumwa yariko araburanishwa mu rubanza yagirizwa kwambara ibendera ry’igihugu.
"Yari yaje muri sentare kuburana urwo rubanza igihe igiporisi camufata mu gihe c’akaruhuko, baca baramwitwarira azira izo mburi ziwe," niko umushingwamanza Gift Mtisi yabwiye AFP.
"Yarigeze gushikanwa imbere y’ubutungane yagirizwa kwutubaha urwego rw’umukuru w’igihugu, ariko ikirego ziza guhindurwa bavuga ko yatutse abantu bo mu bwoko canke b’irindi dini."
Pasitori Mugadza akorera mu gisagara ca Kariba mu buraruko bw’ico gihugu, yaragirishije ikiganiro n’abamenyeshamakuru mu ndwi iheze, aho yavugiye ko Mugabe azopfa mu kwezi kw’icumi uwu mwaka.
- Umukuru w’igihugu Robert MUGABE
Gukinisha izina ry’umukuru w’igihugu Robert Mugabe canke kubura ibimwerekeye ni ikintu kitarekuwe na gato muri Zimbabwe.
Muri ico gihugu hariho itegeko ribuza "gucapfuza canke gutuka umukuru w’igihugu."
Mu mwaka w’2015, Mugadza yarafashwe arapfungwa hafi ukwezi kumwe azira kwihereza ibarabara afise icapa canditseko ubutumwa bubwira Mugabe ko abantu bafashwe nabi cane ku ntwaro yabo.
Umukuru w’igihugu Mugabe ari ku butegetsi kuva mu 1980, hakaba haguma hari ibihuha ku magara yiwe, kandi rimwe na rimwe ahora aja mu ngendo ku mugabane wa Asia kwivuza.
Mu mpera z’umwaka uheze, abanyagihugu hamwe n’imigambwe itavuga rumwe na Reta baragize imyiyerekano yo kwiyamiriza ubutegetsi bwiwe.
IGIHE
Messages
18 Nzero 2017, 19:31, par Grâce
Kuberik Abantu Baguma Bacafuz Umurimo W’Imana?Mbe Imana Irereka Umuntu Igihe Mugenziw Azopfirako?Ahubw Bamufat Wosanga Ariko Ategura Umugambi Wo Kumwica!Twarabahinyuyek Muri Abanyepolitique Muba Mushaka Guterubwob Abategetsi Iyo Ngendo Yashaje Basha