Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zimbabwe : Igisirikare cabeshuje ihirikwa ry’ubutegetsi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Igisirikare cabeshuje ihirikwa ry’ubutegetsi

Zimbabwe : Igisirikare cabeshuje ihirikwa ry’ubutegetsi

mercredi 15 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Kuva mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri, niho hatangura kwumvikana ibisasu vyinshi ku murwa mukuru Harare, hakaba hibonekeje abasirikare benshi kw’iradiyo na tereviziyo nkuru y’igihugu ca Zimbabwe, ivyatumye haba ukwikeka ihirikwa ry’ubutegetsi, ariko igisirikare kikaba caciye kimenyesha mu bucagucagu bw’uwu wa gatatu ko atahirikwa ry’ubutegetsi ryabaye.

Igisirikare kikaba caciye kimenyesha ko umukuru w’igihugu Robert Mugabe n’umuryango wiwe bameze neza, aho ni mu gihe ikinyamakuru AFP cari camenyesheje ko humvikanye urwamo rwinshi rw’amasasu ku nkengera zaho umukuru w’igihugu aba.

Ikinyamakuru Reuters kivuga ko igisirikare cazibiye inzira zija ku nyubako zikomakomeye nk’inama nshingamateka, ubushikiranganji, n’izindi, hakaba hoba harafashwe n’abategetsi bamwe nk’umushikiranganji w’ubutunzi Ignatius Chombo akaba ari umwe mu bari mu kwaha kwa Grace Mugabe, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ahiganigwa ikibanza c’umukuru w’igihugu.

Igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika, Ubwongereza, Canada, bikaba vyasavye abanyagihugu b’ivyo bihugu kuguma mu mazu bakirinda uruja n’uruza.

Ivyo biri uko mu gihe icegera c’umukuru w’igihugu yaheruka gukomborwa mu ndwi iheze yagirizwa guhememukira igihugu, ivyaciye biha inguvu nyinshi Grace Mugabe, bivugwa ko azokwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu.


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.