Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zimbabwe : Morgan Tsvangirai yabeshuje amakuru avuga ko aremvye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Morgan Tsvangirai yabeshuje amakuru avuga ko aremvye

Zimbabwe : Morgan Tsvangirai yabeshuje amakuru avuga ko aremvye

mardi 6 février 2018

Abicishije ku rubuga rwa twitter, Morgan Tsvangirai w’imyaka 65 y’amavuka, akaba asanzwe agendana indwara ya Cancer,yavuze ko atiyumva neza ariko ko amagara atageramiwe nk’uko bivugwa.

Amakuru yaciye mu binyamakuru yavuga ko arwariye mu bitaro mu gihugu ca Afrika y’Epfo, abamwegereye bakaba bari bavuze ko amagara yiwe ameze nabi.

Mu makuru dukesha ikinyamakuru BBC, iyo ndwara ya Cancer Morgan Tsvangirai arwaye iriko iratuma ibintu bisa n’ibiyangara mu mugambwe wiwe, aho wariko witegurira guhiganwa mu matora n’umugambwe Zanu PF.

Umwe mubo mu muryango wiwe yashikirije ko amagara yiwe adatera imbere, ko ashobora no kuhasiga ubuzima, akavuga ko afise uburuhe bwinshi, akaba amaze guta ibiro bitari bike.

Morgan Tsvangirai akaba azwi nk’uwagwanyije cane kuva mu myaka ya 2000, intwaro ya Robert Mugabe aherutse gukurwa ku butegetsi mu kwezi kwa kigarama kurangiye, Morgan Tsvangirai akaba yaraborejwe igufa yongera arapfungwa incuro nyishi ku butegetsi bwa Robert Mugabe.


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.