Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zimbabwe : Robert Mugabe yagiye ahabona - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Robert Mugabe yagiye ahabona

Zimbabwe : Robert Mugabe yagiye ahabona

vendredi 17 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igihugu Robert Mugabe yabonetse aho batanga impapuro z’umutsindo kuri Kaminuza imwe yo ku mugwa mukuru Harare, mu gihe vyari bizwi ko apfunzwe ic’amaso.

Kuri uwu wa gatanu, cabaye nk’igitangaro kinini mu gihugu ca Zimbabwe, aho umukuru w’igihugu yabonetse ku mugaragaro mu gatondo, aho yari yitavye ibirori vyo gutanga impamyabushobozi kuri Kaminuza "Zimbabwe Open" yo ku mugwa mukuru Harare. Yari yambaye umwambaro ujanye n’urwo rubanza rwo gutanga impamyabushobozi.

Urwo rugendo ruhabwa insiguro y’ukwo Perezida Robert Mugabe ashatse kwerekana ko akiri kizigenza w’igihugu ca Zimbabwe, aho akaba ari mu gihe ku ruhande rw’igisirikare, batigeze bemeza ko hariho ihirikwa ry’ubutegetsi, kakaba akaryo ko gushimangira ko batigeze baja kubiri n’ibwirizwa nshingiro ngo bahirike ubutegetsi.

Ivyo biri uko mu gihe havuzwe ko Perezida Mugabe yabonanye n’abatwara igisirikare hamwe n’intumwa 2 zarungitswe n’igihugu ca Afrika y’epfo hamwe n’umuhuza, akaba asanzwe ari umupatiri yiregesha Perezida Mugabe, bikavugwa ko igisirikare gisaba ko ubutegetsi bwohabwa Emmerson Munangagwa, uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, aheruka gukombogwa.

Iyo ngingo Perezida Mugabe agasa n’uwudashaka kuyumva. Haranuganugwa ko Mugabe n’uwahoze ari icegera ciwe boba bemeranije kubisikanya ariko ikiringo Mugabe yovira ku butegetsi kibaba kitarumvikanwako.


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.