Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zimbabwe:Umukuru w’igihugu yamenyesheje isango y’amatora - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe:Umukuru w’igihugu yamenyesheje isango y’amatora

Zimbabwe:Umukuru w’igihugu yamenyesheje isango y’amatora

jeudi 18 janvier 2018

Ivyo,Emmerson Mnangagwa yabishikirije mu gihe ari mu gihugu ca Mozambique mu rugendo ariko akora rwo gusigurira ibihugu vyo muri Afirika y’ubumanuko bihurikiye mw’ishirahamwe SADC, ivyahindutse muri poritike mu gihugu ciwe.

Bivugwako mu majambo yashikirije,umukuru w’igihugu Emmerson Mnangagwa yagarutse cane ku bijanye n’uko bagiye kwigisha amahora, kuko ari meza kandi bizeye kw’amatora azoba meza biciye mu muco.

Abakurikiranira hafi poritike yaho mu gihugu ca Zimbabwe, bavuga ko umukuru w’igihugu ca Zimbabwe ahabwa amahirwe yo gutsinda ayo matora ategekanywa, kuko asanzwe adafise umuntu akomeye bahanganye .

Umugambwe w’uwutavuga rumwe na Reta Morgan Tsvangirai ufise inguvu nke zo guhanga na Emmerson Mnangagwa inyuma yaho afatiwe n’ingwara ya Kansere, bituma umugambwe wiwe ucikamwo ibice.

Tubibutseko Emmerson Mnangagwa yabaye umukuru w’igihugu ca Zimbabwe kw’igenekerezo rya 24 Munyonyo umwaka uheze wa 2017, inyuma yaho igisirikare gifashe ingingo yo kwaka ubutegetsi Robert Mugabe yari amaze imyaka 37 atwara ico gihugu,mu gihe we yariko ategura umugore wiwe Grace Mugabe abe ariwe azomusubirira muri ayo mabanga.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.