Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zimbabwe : Umukuru w’igihugu yahimbaje imyaka 93 iheze avutse - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Umukuru w’igihugu yahimbaje imyaka 93 iheze avutse

Zimbabwe : Umukuru w’igihugu yahimbaje imyaka 93 iheze avutse

dimanche 26 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Abantu baharurwa mu bihumbi bashigikiye ubutegetsi muri Zimbabwe bitavye ibirori vyo guhimbaza isabukuru y’imyaka 93 umukuru w’igihugu Robert Mugabe amaze avutse.

Robert Mugabe yashitse ku butegetsi mu mwaka w’1980 kandi avuga ko azongera kwiyamamaza mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu mwaka uza.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Mugabe, hamwe n’abaharanira agateka ka zina muntu bariyamirije ihimbazwa ry’iyo sabukuru, iminsi mikuru itwara amafaranga menshi y’igihugu mu gihe igihugu gihanganye n’ibibazo bikomeye vy’ubukene.

Tubamenyeshe ko mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu gihe bwaca akwiza imyaka 93 y’amavuka ku musi wa kabiri, Robert Mugabe yavuze ko atiteguye kuva ku butegetsi, kandi ko atimirije kuva muri poritike, kuko ata n’uwo ariko arategura amusubirira.

Umugambwe Zanu-PF wa Mugabe urimwo ariko impari ku kibazo c’uwomusubirira, bikavugwa ariko ko mu bashobora kumusubirira harimwo umugore wiwe Grace Mugabe w’imyaka 51. Uwundi anuganugwa ko yohabwa ico kibanza ni icegera ciwe Emmerson Mnangagwa.

Uwo mupfasoni w’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko naho Robert Mugabe yokwitoza ari mu kuzimu mu matora y’umwaka w’2018, yoyatsinda kuko akunzwe cane.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.