Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zimbabwe : Umusubirizi wa Robert MUGABE azokwimikwa kuri uwu wa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Umusubirizi wa Robert MUGABE azokwimikwa kuri uwu wa (...)

Zimbabwe : Umusubirizi wa Robert MUGABE azokwimikwa kuri uwu wa gatanu

mercredi 22 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Emmerson Mnangagwa yitezwe ko ashobora gushika mu gihugu ca Zimbabwe nk’igihe c’isaha icumi z’umugoroba kw’’isaha mpuzamakungu, mu gihe mu gatondo ko kuri uno wa gatatu vyavugwa ko ashika igihe c’isaha indwi.

Uwo yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu yahunze inyuma yo kwigirizwa n’umugore w’umukuru w’igihugu, Grace Mugabe, kw’igenekerezo rya 6 Munyonyo 2017, ko ashaka gusubirira umugabo wiwe mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

JPEG - 46.3 ko
Emmerson Mnangagwa agiye kuramutswa igihugu ca Zimbabwe

Emmerson Mnangagwa w’imyaka 75 amaze kwigizwa inyuma mu mugambwe uri ku butegetsi Zanu PF vyateye impari nyinshi bituma igisirikare arico gifata ingingo y’ukugenzura igihugu mw’ijoro ryo kuwa 14 rishira ku wa 15 munyonyo 2017.

Uwahoze ari umukuru w’igihugu Robert Mugabe niwe yari umukuru w’igihugu wa mbere ashaje kw’isi akiri muri ayo mabanga. Yatanze imihoho kuri uwu wa kabiri uheze igihe inama nshingamateka yari yakoranye ishaka kumukura ku butegetsi yishimikije amategeko.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.