Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zimbabwe:Uwagirizwa gutanga urupapuro rw’umutsindo rwa PhD Grace MUGABE (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe:Uwagirizwa gutanga urupapuro rw’umutsindo rwa PhD Grace MUGABE (...)

Zimbabwe:Uwagirizwa gutanga urupapuro rw’umutsindo rwa PhD Grace MUGABE yafashwe

samedi 17 février 2018

Levi Nyagura afashwe inyuma y’imisi hatangujwe urwego rujejwe kuraba nimba Grace MUGABE ata manyanga yakoresheje kugira aronke urwo rupapuro rw’umutsindo rwo hejuru.

Amakuru atangwa amenyesha ko Grace Mugabe yiyandikishije muri iyo kaminuza mu mwaka wa 2014 aca ahabwa urwo rupapuro rw’umutsindo mur’uwo mwaka nyene kandi kugira umuntu ayironswe bisaba ubushakashatsi bumara imyaka itari mike.

Bamwe mu bigisha muri iyo kaminuza ya Zimbabwe bamenyesha ko batigeze bamenya uko Grace Mugabe yahejeje amashure yiwe ahubwo batangajwe bavyumvise mu binyamakuru.

Grace MUGABE yaronkejwe urupapuro rw’umutsindo PhD mu mwaka wa 2014, mu vyigwa bijanye n’imibano.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.