Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zimbabwe:Uwahoze ari icegera ca Robert Mugabe yamusavye gutanga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe:Uwahoze ari icegera ca Robert Mugabe yamusavye gutanga (...)

Zimbabwe:Uwahoze ari icegera ca Robert Mugabe yamusavye gutanga imihoho

mardi 21 novembre 2017

Mu rwandiko yahaye ibinyamakuru, M. Mnangagwa, yaheruka gukurwa mu mabanga y’icegera c’umukuru w’igihugu, bikaba ari navyo vyatumye igisirikare gikoresha inguvu mu gushira hasi ubutegetsi bwa Perezida Mugabe, yasavye ko umukuru w’igihugu yotanga imihoho.

M. Mnangagwa yamenyesheje kandi ko adashobora gutaha mu gihugu ca Zimbabwe mu gihe umutekano wiwe utokingirwa bikwiye.

Bitegekanijwe ko inama nshingamateka ya Zimbabwe isaba Robert MUGABE gutanga imihoho mu mabanga yo kurongora igihugu kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 21 Munyonyo 2017.

Kuva igisirikare kimenyesheje ko gifashe ibintu mu minwe kugira gifate abahungabanya ubutunzi bw’igihugu, imirwi itari mike mu gihugu, harimwo n’abari mu mugambwe wa Robert MUGABE baramaze kugira imyiyerekano basaba ko atanga imihoho.

Ubu Robert MUGABE yaramaze gukurwa mu burongozi bw’umugambwe ZANU PF yari arongoye, haraheze imyaka itari mike.


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.