Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zimbabwe : Uwoba agiye gusubirira Robert MUGABE yitezwe mu gihugu kuri uwu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Uwoba agiye gusubirira Robert MUGABE yitezwe mu gihugu kuri uwu (...)

Zimbabwe : Uwoba agiye gusubirira Robert MUGABE yitezwe mu gihugu kuri uwu wa gatatu

mercredi 22 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Abantu benshi bihaye amabarabara kuri uwu wa gatatu ku mugwa mukuru Harare bagaragaza umunezero bafise, inyuma yo kwumva ko Robert Mugabe yatanze imihoho.

Muri urwo rwandiko, Robert Mugabe yahoze ari umukuru w’igihugu ca Zimbabwe yashikirije ko atanze imihoho ku bushake bwiwe.

Umukuru w’inama nshingamateka yashikirije ko bagiye gutangura igikorwa co gushiraho umukuru w’igihugu mushasha, abakurikiranira hafi poritike yaho muri Zimbabwe bavuga ko uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu Emmerson Mnangagwa ariwe ashobora gusubirira Robert Mugabe, aho vyitezwe ko ashika kuri uwu wa gatatu mu gihugu ca Zimbabwe, avuye muri Afrika y’epfo aho yari yahungiye.

Umwe mu banyeporitike bakomeye batavuga rumwe na Reta ya Zimbabwe Morgan Tsvangirai amaze kumva ko Robert Mugabe yatanze imihoho yashikirije ko hageze igihe co gushiraho amategeko meza azotuma haba amatora aciye mu muco.

Tubibutse ko Robert Mugabe yanse gutanga imihoho mu ndwi iheze igihe igisirikare catangaza ko cafashe ubutegetsi. Robert Mugabe amaze kwirukana icegera ciwe Emmerson Mnangagwa, mu nyuma abanyagihugu batunganya imyiyerekano yo gushigikira igisirikare basaba Robert Mugabe yotanga imihoho, mu gihe we yipfuza ko yosubirirwa n’umugore wiwe Grace Mugabe. Robert Mugabe w’imyaka yari amaze imyaka 37 ari ku butegetsi.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.