Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zimbabwe : Uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu yahunze - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu yahunze

Zimbabwe : Uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu yahunze

jeudi 9 novembre 2017

Emmerson Mnangagwa yahunze inyuma y’aho umukuru w’igihugu wa Zimbabwe Robert Mugabe yagirije uwo yahora ari icegera ciwe ko yagomvye kumukura ku butegetsi.

JPEG - 37.1 ko
Emmerson Mnangagwa yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu Robert MUGABE

Robert Mugabe, umukuru w’igihugu wa Zimbabwe yabwiye abayoboke biwe ati : « Emmerson Mnangagwa yagiye ku rusengero rw’aba Apostolique agiye kubaza aho nzopfira ariko yabwiwe ko ariwe azotangura gupfa imbere yanje. »

Abakurikiranira hafi poritike y’igihugu ca Zimbabwe bamenyesha ko umugore w’umukuru w’igihugu Grace Mugabe ko ariwe ashirwa imbere kugira azosubirire umugabo wiwe mu mabanga yo kurongora igihugu.

Umugambwe wa Robert Mugabe "Zano PF" wirukanye Emmerson Mnangagwa muri uyo mugambwe ku munsi wa mbere.

Umukuru w’igihugu Robert Mugabe yashikirije ko uwahora ari icegera ciwe ko aza muba mbere bashaka kumukura ku butegetsi, yongera agabisha abo bose bakoranye nawe muri ico gikorwa kigayitse.

Robert Mugabe yongeye ati : « Mnangagwa twamumenye kuva kera, ariko ntitwashatse kubivuga. Yibaza ko asanzwe ari mu bantu bakomeye mu mugambwe ko nzomufasha gushika ku giti c’umukuru w’igihugu, ariko sinapfuye kandi sinatanze imihoho, twizeye ko tuzobandanya kandi tugwanya abo bose bafise imigambi mibi nkiyo »

Emmerson Mnangagwa ahunze igihugu inyuma yaho yirukaniwe muri uwo mugambwe yagirizwa ko yahemukiye igihugu mu gushaka gufata ubutegetsi bwa Robert Mugabe.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.