Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Agashimwe k’amadorari 300.000 k’ihiganwa Big Brother katahukanywe n’umu (...)
Agashimwe k’amadorari 300.000 k’ihiganwa Big Brother katahukanywe n’umu Tanzaniya
lundi 8 Kigarama 2014
Agashimwe k’ihiganwa Big Brother ku ncuro yaryo y’icenda katahukanye Idris avuka mu gihugu ca Tanzaniya, yatowe muri 25 bari basigaye mw’ihiganwa mu minsi 63 ryari rimaze.
Ibirori birangiza ihiganwa rya Big Brother African Hotshorts vyasozerewe kw’igenekerezo rya 07 Kigarama. Abatanguye guhiganwa bari 26 baserukira ibihugu 14, abo nabo akaba ari aba bakurikira : Goitse na Sheilah (Botswana) Kacey na Ma’m Bea (Ghana), Melvin Alusa na Sabina (Kenya),Mr. 256 na Sipe( Malawi), Mira na Trezagah( Mozambique) Luis na Permithias(Namibia), Lilian na Tayo( Nigeria), Frankie na Arthur( Rwanda), Nhlanhla na Samantha( Afurika y’Epfo) , Idris na Laveda ( Tanzania), Ellah na Esther (Uganda), Macky2 na Resa (Zambia) , Butterphly na JJ (Zimbambwe).
Uko iminsi yagenda ihera niko abahiganwa bagenda bagabanuka, hasigara Idris na mugenzi we Tayo wa Nigeria. Abarundi bati : "Haburana babiri hagatsinda umwe", naho Tayo yari ashigikiwe cane kubera uburyo yiyerekana nk’umuntu intsinzi itocika kandi adatinya amahiganwa, ntivyabujije ko Idris amutsinda gutyo amateka aja muri Tanzania.
Ibirori birangiza ihiganwa vyabereye mu nzu ya Biggie (Big Brother), vyatangujwe no guca ku gitambara gitukura. Urugendo rwakozwe n’abatanguje ihiganwa ariko bataronse amahigwe yo gushika mu gice ca nyuma. Mu nyuma abahiganwa 8 basigaye mw’ihiganwa bashizwe hamwe, nabo ni :Tayo (Nigeria), Ma’am Bea(Ghana), Sipe (Malawi), Nhlanla( Afurika y’Epfo), JJ (Zimbabwe),Macky2(Zambia), Butterphly(Zimbabwe) na Idris(Tanzania). Bamwe bamwe nka Butterphly (Zimbabwe) na mugenzi we Ma’m Bea (Ghana), hakurikiye Sipe (Malawi) na JJ (Zimbabwe), hanyuma hasezererwa Nhlanla (Afurika y’Epfo) na Macky2(Zambia) bityo hasigaramo Tayo (Nigeria) na Idris(Tanzania) bahiganigwa amadorari 300,000 yagenewe uwa mbere.
Ihiganwa rigeze aho, abariko bakurikirana ihiganwa hirya no hino ku mboneshakure umwe wese yatanga izina bivanye n’uwo yiyumvamwo hagati ya Tayo na Idris. Niho rero batangaza ko Idris wo muri Tanzaniya atsindiye agashimwe k’amadorari 300,000 kari kagenewe uwutsinda Big Brother. Amahera Idris yatsindiye tuyashize mu marundi aharurwa mu miriyoni 495.
Mbega Idris yatsindiye Big Brother asanzwe akunda iki mu buzima bwiwe canke yipfuza kuba iki?
Idris yatsinze afise imyaka 21 y’amavuka, mu buzima bwiwe yipfuza cane kuba umukinyi rurangiranwa w’amareresi. Akunda cane umuziki w’abaririmvyi Chris Brown, Michael Jackson, Usher, Ed Sheeran, Sam Smith, Lana Del Ray na Nina Simone.
- Idirs na Tayo bahiganwa ubwa nyuma muri Big Brother
- Idris yatsindiye Big Brother
Cherif Nkeshimana
Messages
8 Kigarama 2014, 16:17, par sinigirira abdoul karim
congretiletion idrisu.
9 Kigarama 2014, 07:33, par MBIMBI
Haahgahaha! None se ko bavuze batsinze n’abatsinzwe jewe urwo rukino ntabwo ndarutahura! Boba barukina gute!! Barukinira he? Bakoresha umupira! Kandi ko numva umengo hakina babiri babiri bava mu gihugu kimwe! Muga nkumva ngo uwatsinze bavuga umwe!!
9 Kigarama 2014, 11:21, par lewis
Wabimenya gt ko wishing wicay impand yamashig?
29 Nyakanga 2015, 08:16, par Toto
Shaka Inomero Zumu Fireema