Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Aba "DJs"b’abahungu bagiye kubura isoko mu biteramo vy’abakobwa
Aba "DJs"b’abahungu bagiye kubura isoko mu biteramo vy’abakobwa
lundi 9 Ntwarante 2015
Abaririmvyikazi b’abarundi baraye berekanye ko bashoboye kugira igiteramo ata muhungu ca umugabo abaciriye mu majwi. Igiteramo-sabukuru casamiranamwo hanini indirimbo zihayagiza umukenyezi. Eduige yemeza ko bagiye kuzohora baremesha ibiteramo vy’abakobwa gusa:"N’aba DJs bazoba ari abakobwa".
- Natacha yahinduye impuzu
Bambaye neza, bikwije ibitari bimenyerewe kuri bamwe muri bo, Eduige, Emelance, Cynthia, Natacha, na Shaa wo muri Tanzaniya bati turashoboye kuremesha "stage" twenyene. Isabukuru yabereye kuri HOTEL CLUB DU LAC TANGANYIKA ku bw’ihimbazwa ry’umunsi mukuru wahariwe umukenyezi. Aba "Masters of Ceremonies"(MC): Alex Keza na Eduige.
Imbere y’uko igiteramo nyezina gitangura, hatanguye kuvuza umurwi wa Natacha urimwo uwitwa Kendo yatanguye avuza uturirimbo two gutanga ikaze. Eduige yabaye uwa mbere kuja ’stage’ aho yaririmbo indirimbo ziwe n’izindi za kera zahayagiza umukenyezi, canke zaririmbwe n’abagore:"Muvyeyi ndagushemeze, Wibuke... n’izindi zashoboye gushimisha abaraho. Inyuma ya Eduige, Emelance Emy azwi mu ndirimbo "Yambogorera, Iruhande yawe, gukeza umuvyeyi,..", Cynthian ashirako indirimbo zakoze kuri benshi nk’uko asanzwe aririmba indirimbo z’Imana, ati:"Halelua". Chany Queen ati:" Natanzwe" zimwe mu ndirimbo ziwe ahereza kuri "Diamond"ya Rihanna.
- Emelance
Igice ca nyuma c’igiteramo ciganjemwo Natacha na Shaa. Abo rero bari baje bazanye imirwi yabo y’abatamvyi, barabica biracika icuya kiraba icuya umuziki urareta.
Aho abakenyezi bose binjira mu giteramo baca bahabwa agashurwe ko kubipfuriza umunsi mukuru mwiza. Ikindi n’uko bamwe mu bavyeyi babo baririmvyi bari bishikiye gushigikira abakobwa babo b’Abaririmvyi.
- Cynthia
Inyuma y’igiteramo, Eduige ati:"Ibiteramo bikoresha n’abigeme gusa tugiye kubikomeza, aho n’aba DJs bazoba abakobwa".
- Natacha
- Shaa hagati y’abatamvyi biwe
- Chany Queen
Cherif Nkeshimana
Messages
14 Ntwarante 2015, 00:14, par Vianey
Izo nindaya gusa zarabuze abagabooooooooo mutakufa ivo ivo mwe ba Resibienne .muranuka muga pipi natwe abahungu ntitukibashaka tuzoshaka abahungu nkatwe tuze twigirira ivyacu .........Nakare muraruhisha muga umuhungu nkanje ntangora kandi arampimbbara gusumba umukobwa