Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Aba JRR basabwe kwima amatwi abariko bigisha macakubiri mu bihe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Aba JRR basabwe kwima amatwi abariko bigisha macakubiri mu bihe (...)

Aba JRR basabwe kwima amatwi abariko bigisha macakubiri mu bihe vy’amatora

dimanche 8 Ntwarante 2015

Mu birori vyo guhimbaza imyaka 48 umuhari w’urwaruka rwa UPRONA umaze, yaba abarongoye uwo mugambwe ishami ritemewe n’ubutegetsi, canke abarongoye uwo muhari wegukira umugambwe UPRONA, bose bahamagarira urwaruka rwabo kwima amatwi abariko bazana poritike y’amacakubiri mu gihugu.

Muri ivyo birori vyari vyitabwe n’abahoze barongoye amabanga ahambaye mu gihugu, abashingamateka n’abakenguzamateka, umushingamateka Karori Nditije arongoye UPRONA itari mu nezgo, akaba yasavye urwaruka rukomoka ku mugambwe UPRONA, kutaba ibinyaganwanka, mbere bime amatwi abantu bariko barazana poritike y’amacakubiri muri ibi bihe hegereje amatora.

Ku bijanye n’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu naho, yaba umushingamateka Karori Nditije canke umushingwamanza Raphael Horumpende arongoye uwo muhari ku rwego rw’igihugu, bavuga ko ivyo bitagiteye impari kuko bamaze kwerekana aho bahagaze mu kwiyamiriza ico kiringo bivuye inyuma. Bavuga ko Abasenyeri Gatorika b’Uburundi canke ibihugu rutura n’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, nabo nyene bamaze kwemeza ko ico kiringo kitabaho, ndetse ari ugukwegera igihugu mu kaga.Umukuru wa JRR ku rwego rw’igihugu akaba yongeyeko ko, hamwe umukuru w’igihugu atakwumviriza impanuro yahawe n’abo bose batandukanye, akitoza, n’aho yotsinda, ayo matora yofutwa, akaba abaye impfagusa.

Tukabamenyesha ko, ivyo birori, vyaje bikurikira ikiganiro uwurongoye JRR mu gisagara ca Bujumbura yari yahaye abanditsi n’abanyamakuru, aho yari yavuze ko Petero Nkurunziza avuze ko azitoza, atakibuza, bazogira rimwe bose mw’ibarabara, bakamwiyamiriza.


Aristide Nizigire

Messages

  • Hariho bamwe muba Prona akagagazo kamazekwica nubwishime, ubwibone, nibindi, muranyumviye iryojambo ryavuzwe nuwomukuru wa JRR ngo Nkurunziza yitoje agatsinda ngwamatora yocafutwa akabipfagusa!?. Mbega urazi ahovyobabigeze koyobafise ubushobozi gusumba ubushobozi afise kurunomusi urikurabivugirako?.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.