Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Aba JRR biyemeje kwima inzira abo bose bipfuza guhamba UPRONA - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Aba JRR biyemeje kwima inzira abo bose bipfuza guhamba UPRONA

Aba JRR biyemeje kwima inzira abo bose bipfuza guhamba UPRONA

dimanche 20 Ndamukiza 2014

Abaserukira abandi mu muhari mparaniramajambere wa Rwagasore bariyamiriza abantu bihaye intumbero yo guhamba umugambwe UPRONA, bashaka kuburagiza ibikorwa vy’uyo muhari.

Ivyo abo ba JRR bakaba babimenyeshe ikinyamakuru IGIHE, inyuma y’aho bagiye babona abaporisi baje ku basohora aho bariko baragirira inama, mu nyubakwa y’umugambwe UPRONA iri muri komine ya Nyakabiga mu gisagara ca Bujumbura, bavuga ko baje bitwaje itegeko ryavuye hejuru.

Nk’uko twabishikirijwe na Bernard Hakizimana umwe mu ndongozi za JRR muri za kaminuza nawe yari muri iyo nama, avuga ko bakubiswe n’inkuba babonye abaporisi baje kubasohora, ko batarekuriwe kubonanira muri iyo nyubakwa yabo. Avuga ko kuva umugambwe UPRONA watswe indongozi zawo umushingamateka Karori Nditije na Varisito Ngayimpenda, hakagenwa abandi bidaciye mu mategeko, aba JRR bari bashoboye kuguma bafatanye mu nda, n’aho bamwe bamwe bagiye barahendeshwa ubuzi n’uwitwa Gaston Sindimwo akora mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

Bernard Hakizimana asaba aba JRR kudasamazwa n’ubwo buzi bamwe bahabwa, kuko baburonka ari uko habanje kwirukanwa bamwe mu badasigana, vyerekana ko atabuzi bagira batanga, aho kwubaka Abadasigana, ahubwo babandanya guterwa umutima mubi. Uyo mu JRR akavuga ko ahubwo ivyo bibakomeza, kandi bigatuma ahubwo baharanira kuruta gushayura umugambwe wabo,kugira nturwe mw’isanganya.

Mwomenya ko n’aho abo ba JRR birukanywe n’abaporisi, inama yo yaja yaheze kera, ndetse bakavuga ko bagiye gukomeza kubonana n’urwaruka ruri muri UPRONA, kugira bazibire abariko barabasamburira umugambwe babure aho bamenera.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ahubwo tora ibigwanisho mugwane,komwunva mudashaka kwisunga amategeko y,igihugu na yabarongozi.umugwambwe iprona nimwebwe nyene muriko murawusambura,nimurengere amaronko muriko muragwanira,musubize hamwe mwese atakuvuga ngwabo kwa NDITIJE,canke kwa Concilia,canke ngwabo KWAMUKASI,mwese musubize hamwe atanumwe mushatse gukuramwo,motif ngo yagirizwa amakosa aya nariya,muheze murabe komudasubiza umugambwe wanyu kumurongo.nayo umushikiranganji Eduard mwama mutako ibirake mumureke,kuko siwe aza kububakira umugwambwe,nimwebwe nyene mutegerezwa kumenya uko mutegerezwa kwitinganya,kandi ico mwomenya amategeko azi uyo mupfasoni concilia,nayo abo banditije muvuga nicocegera ciwe,ntibazwi kuburongozi bwuyo mugambwe,ahubwo abo bashatse gukubita coup d’Etat muruyo mugambwe birabananira,amatora bitunganirije mugushiranaho bonyene sibo barigutumako inama yukugena abayobozi bumugambwe.nibagezaho rero basabe concilia atuganye ikoraniro kaminuza,hama mugene abayabozi bazwe,apana guhanahana uyomugambwe nkuko umenga niragi ryumuryango ryarazwe abanya bururi gusa,canke bonavantir asabikigogwe mwebwe abanyamugambwe koyakoze amakosa mukwikura kubuyobozi bwuyo mugambwe,abusubireko,hama ace atumako iyo nama kaminuza,afadikanije na concilia muce mutora abayobozi ba iprona bemewe nabose,kandi impanuro nobatekerera:bonavantir,nditije,manwangari,nuwoyigira icegera ca nditije,abo ntibaje mubitoza.barekere abandi,nacanecane abakirikumyaka45gushika50,abo barenza55 babanze babangire gatoya,kuko bararushe mumitwe yabo.ngira nuko bakinye politique kera caaaane,banunuje umugambwe kuva kera barahaze,nibarekere abakiri bato,gusa boba abahanuzwa jambo mubikenewe gutunganya canyene,aho nikuneza yuwo mugambwe wanyu .

  • Komera umwami ntakundi warikuvuga mugihe ufindrya mukanwa.Ningombwa ugume wubaha uwo konsiriya na edwara baguhaye kurya mwibukeko harabandi.

  • nditije arabahenda rwaruka amaze imyaka myinshi ahembwa yarubatse amazumeshi hanze kandi ahembwa na reta muramubaza uti mbese utwibutse ubu uti kuri uporona kutaguma uratuvuga nimushigikire iyingoma twese twayambitse amashurwe

  • JRR yacu, JRR nziza,
    Burundi bw’ejo sagarara
    Ramba, Ramba, Ramba
    Ramba JRR Burundi bw’ejo.

  • MWAMI!URWO RUKUNDO RWA UPRONA NIMUMPEKURE.KANDI NI BISANZWE IYO IYO INDA IROYE IMBERE UMUTIMA UGAKURIKIRA NIKO BIGENDA.ARIKO UHEZA KUGOKA IBIGORI BIKERA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.