Accueil > Amakuru > Poritike > Aba JRR bo muri kaminuza bariyamiriza umugambi wo gusambura (...)
Aba JRR bo muri kaminuza bariyamiriza umugambi wo gusambura UPRONA
mardi 18 Ruhuhuma 2014
Urwaruka mparaniramajambere ba Rwagasore biga muri za kaminuza zitandukanye, basohoye urwandiko, aho biyamiriza ingendo yo kuburabuza ibikorwa vy’umugambwe wabo, ndetse n’ukuwegurirara abantu birukanywe burundu.
Nk’uko umukuru w’urwo rwaruka abivuga, Bernard Hakizimana amenyesha ko bashigikiye ibikorwa vyakozwe n’umushingamateka Karori Nditije na Ngayimpenda Evariste vyo kwiyunga. Asaba Reta kuvavanura n’ingendo yo gusambagura imigambwe, ahubwo Reta igasabwa nyabuna gushigikira imigambwe iriko iriyunga nk’uko biri mu masezerano yateweko umukono mu Kayanza.
Muri iryo tangazo, uyo aserukira JRR muri za kaminuza zitandukanye zo mu Burundi, avuga ko abakomerekeye ku Mugumya canke abakubiswe n’ibindi vyose vyononekaye biri ku gatwe ka Concilia Nibigira, umushingamateka Niyoyankana Bonaventure na Gaston Sindimwo, na Reta y’Uburundi, yo irekera umugambwe abantu birukanywe burundu na komite nkuru ya UPRONA, bagirizwaguhemuka.
Aristide Nizigire
Messages
22 Ruhuhuma 2014, 19:46, par GITI
Murugwo gwaruka mbona abenshi ari abahungu babarya batama,barongoye IPRONA kuva kera.ico nobasaba gusa nibaterere ivyipfuzo ni vyiyunviro gusa,muga ntibishiremwo ingenga bitekerezo vyintambara,kuko iyubuho ntiyokworoha kugwana,nobahanura kandi gushira imbere ivyigwa,aho gushira imbere imigambi y,imigambwe base na basewabo barongoye.kubera imbere niheza cane.