IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Aba Scout bo mu ntara y’Imbo bibutse ivuka rya Baden Powell

Aba Scout bo mu ntara y’Imbo bibutse ivuka rya Baden Powell

dimanche 24 Ruhuhuma 2013

Abahurikiye mu muhari w’aba scout mu ntara y’Imbo kuri uyu w’Imana niho bahura bahimbaza ivuka ry’uwashizeho umuhari w’aba scout kw’isi yose. Amajambo yose yavuzwe ajanye no kwigisha urwaruka kugira barukundishe igihugu nkuko Baden Powell yabigira.

JPEG - 31.5 ko

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 24 Ruhuhuma 2013 niho aba Scouts n’aba Guides bo mu ntara y’Imbo bahimbaza igenekerezo rya 22 Ruhuhuma yibutsa aho umukuru w’umuhari w’aba scouts Baden Powell yavuka. Uwo munsi usanzwe wama uhimbazwa uko umwaka utashe kuri iryo genekerezo nyene.

Ihimbazwa ry’uyu mwaka rigira iry’ 156 kuko Baden Powell yavutse mu mwaka w’1857.

JPEG - 32.9 ko

Albert Nyamwana arongoye aba Scouts ku rwego gw’igihugu ariwe commissaire general, avuga ko icivugo c’uyu mwaka gifatiye ku bihe u Burundi bugezemwo aho umu scout wese ahari ategerezwa kwiyibutsa ko ajejwe guharanira ineza y’umuryango munini nawe nyene arimwo kugira bihure n’icivugo catowe arico «Amahoro n’ugukunda igihugu bibereye.»

JPEG - 46 ko

Yagarutse ku ciyumviro catumye Baden Powell yiyumvira gushiraho uwo muhari hakaba hari mu mwaka w’1907; kukaba kwari ukwigisha urwaruka kurwanira igihugu no kugikunda, n’izindi nyigisho zijanye n’ubuzima bw’igihugu.

Nyamwana agahamagarira indongozi zose z’aba scouts mu ntara zose kwisunga misi yose intumbero za Baden Powell mugushira imbere intwaro ibereye kugira urwaruka ruri muri uwo muhari ruhakure akarorero keza ruzobigendereko iyo ruzoba ruri hose.

Agafatira kandi kw’ijambo Baden Powell yasize aho yavuga ko umwe wese akwiye gukora ivyiza kur’iyi si maze ayiveko agize ico ayongereyeko kuvyo yari yayisanzeko.

JPEG - 45.7 ko

Nayo ku ruhande rwabitavye ibirori vyabereye kw’ishure rya Lycee Municipal Rohero, bavuga ko uyu munsi bama bawurindiranye igishika kuko bakunda kuhakura amajambo mashasha abakundisha umuhari kandi abafasha kubana neza bafashanya nk’uko babigirira mu manama bagira iyo bari mu muhari.

Umupatiri yabafashije guhereza inkuka y’imisa yaboneyeho kubashikiriza umupatiri mushasha aje gufasha umuhari w’aba scout.

Yababwiye ko ari akaganuke Musenyeri wa diyoseze nkuru ya Bujumbura Evariste Ngoyagoye abagabiye kuri uyu munsi mukuru,uwo nawe asubiriye uwahahora ubu yajejwe ayandi mabanga.


Reverien Bazikamwe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.