Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abababa ijana bagirizwa kugira imyiyerekano barekuwe
Abababa ijana bagirizwa kugira imyiyerekano barekuwe
mardi 8 Kigarama 2015
Abantu bababa ijana bari bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba i Bujumbura kubera bagize imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza,barekuwe kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 8 Kigarama 2015.
Abenshi muri abo barekuwe kuko basanze ata caha kibagira.Abandi naho barekuwe baciriwe gupfungwa icamaso.
Ubushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu no gukundisha igihugu,hamwe n’ubwo ubutungane nibo bari bitavye ibirori vyo kurekura abo banyororo.
Imbere yo kurekurwa ku mugaragaro,abo banyororo babanje guhabwa impanuro n’inyigisho zo kubakundisha igihugu,n’imyifato mu buzima bushasha bagiyemwo inyuma y’ubuzima bwo mw’ibohero.
Abarekuwe bagize umurwi wa kabiri inyuma y’umurwi wa mbere ugizwe n’abana 58 baheruka kurekurwa mw’ibohero ryo mu ntara ya Rumonge,inyuma yo guhabwa inyigisho zo gukunda igihugu.
Van Naris Mugisha
Messages
8 Kigarama 2015, 19:03, par Willy
Abo buca baja mwishamba nimurindire murabe
8 Kigarama 2015, 19:33, par Nkamicanye
Nibatahe Ariko Ntibaze Basubire Guhendwa Mugusheta Ubuzima Bwabo Kubera Ababahenda!Nibaze Dukorere Igihugu!Ok
8 Kigarama 2015, 20:49, par rutana
ahubwo nibire mwishamba mwarabashavuje
8 Kigarama 2015, 21:25, par .com
Murakenyepe Ukonuguhuma Amaso Amakungu Ngomurabantu Uyumsinyene Abomwafashenabomwishe Basumbubwishi Abo
8 Kigarama 2015, 21:27, par Falcon
Iyo nimitwe abagiye mumyiyerekano ntanumwe arekurwa bose baricwa bagatabwa mukinogo mu kamenge,izo nimbonerakunya bazana mwijoro bakazinjiza mugasho bukeye bakazirekura bashaka guhuma amaso amakungu ko ari abari mu myiyerekano,aba DD twarabahinyuye politique zanyu zarataye igihe.
9 Kigarama 2015, 12:49, par vesi
nibakumbur bagendehakirikare tugiradutangur kubumyogoza kamwekamwe
9 Kigarama 2015, 20:56, par Londo Felix Kessy
Nibabe Bavuga Amazina Yabo Barekuye,kuko Ivyubu Ntituvyizera!