IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ababuranira abanywanyi ba MSD bagabisha ko bashobora gutaka ubutungane (...)

Ababuranira abanywanyi ba MSD bagabisha ko bashobora gutaka ubutungane mpuzamakungu

vendredi 9 Rusama 2014

Ababuranira aba MSD bapfunzwe bafatiwe ku ngoro y’umugambwe ku magenekerezo ya 8 na 9 Ntwarante barasaba Reta kutivanga mu rubanza rw’abo baburanira. Abo bashingwamanza bakavuga ko bibaye nkenerwa bazitura ubutungane mpuzamakungu

Urubanza ry’abafatiwe ku ngoro ya MSD no mu micungararo yaho n’abarashwe n’abaporisi ku magenekerezo ya 8 na 9 Ntwarante rwaranzwe n’amahinyu kuva rugitangura gushika kur’ino saha. Ivyo bikaba bishikirizwa n’ababuranira abapfunzwe muri kino gihe. Akarorero gatangwa n’abo bashingwamanza ni ukungene Sentare Nkuru y’igihugu yo mu gisagara ca Bujumbura yimye ijambo abo bashingwamanza. Igatako ikima uburenganzira bwo kwisigura abo baburanira.

Abo bashingwamanza baramenyesha ko bituye Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro mu ntumbero yo gukuraho intambamyi zose zijanye nihonyangwa ry’amategeko. Barasaba ko ico kibazo cokwigwa vuba kugira Sentare y’iyungururizo yinjire mw’ido n’ido ry’urwo rubanza.

Nkuko vyashikirijwe numwe mur’abo bashingwamanza Prosper Niyoyankana ,barizera ko iyo Sentare izokwikora mu jisho igakurikiza ibwirizwa nshingiro. Bitagenze uko, akamenyesha ko bazitura ubutungane mpuzamakungu kuko amategeko abibarekurira.

Abo bashingwamanza baramenyesha kandi ko bababazwa n’ukungene urubanza rw’abarashwe n’abamwe mu baporisi rutava aho ruri mu gihe ubutungane bwihutiye gucira imanza abahafatiwe. Mu kiganiro bahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uno wa gatanu itarike 9 Rusama, baboneraho n’akaryo ko kugabisha abajejwe ibitaro, amabohero n’ubutungane ko hamwe amagara y’abo baburanira yosinzikara nkuko vyabaye kuri Busuguru Bienvenu, bazobibazwa. Ivyo bakaba babivuze mu gihe hari abafunzwe batarakira neza.

Abakomeretse ni batanu ariko abafunzwe bakaba ari 3. Abaporisi barongoye igikorwa co kuwa 8 na 9 Ntwarante bitwariwe akaba ari batandatu. Twobibutsa ko abafunzwe baciriwe umunyororo wo guherayo ari 22, abaciriwe gufungwa imyaka 14 nabo akaba ari 9, abaciriwe imyaka 10 nabo ni 5 mu gihe 22 bambitswe izera maze bararekurwa.


SIMBARAKIYE Isabelle

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.