Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ababuranira CNDD FDD basavye ko Ngendakumana yohanishwa ihadabu ry’imiriyoni (...)
Ababuranira CNDD FDD basavye ko Ngendakumana yohanishwa ihadabu ry’imiriyoni 10
mardi 2 Nyakanga 2014
Léonce Ngendakumana, umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU yitavye ubwa mbere kuri uwu wa kabiri, mu ntahe y’icese muri sentare nkuru ikukira igisagara ca Bujumbura. Yitwariwe n’umugambwe CNDD FDD hamwe n’insamirizi Rema FM, inyuma y’ikete yandikiye umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki Moon. Urubanza rwiwe rwashizwe mu mwiherero, rukaba ruzosomwa imbere y’igenekerezo rya 2 Gitugutu 2014.
Umukuru w’urunani ADC Ikibiri, akaba n’uwurongoye umugambwe Sahwanya FRODEBU yitwariwe mu butungane n’umugambwe CNDD FDD, hamwe n’insamirizi Rema FM, bamwagiriza ko mw’ikete yarungikiye umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki Moon, kw’igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2014, aho yavuga ko mu Burundi hoba hariko harategurwa ihonyabwoko, yakoresheje imvugo yo gutyoza n’ukubiba urwanko rufatiye ku moko mu Burundi. Mu vyaha Léonce Ngendakumana yagirizwa, harimwo gutyoza umugambwe CNDD FDD n’insamirizi Rema FM, kwambika ibara inzego z’igihugu, hamwe n’ugucapfuza izo nzego.
- Léonce Ngendakumana arongoye urunani ADC - Ikibiri
Nk’igihe c’isaha zine n’iminota mirongo itanu, Léonce Ngendakumana niho yashika kuri sentare nkuru ikukira igisagara ca Bujumbura. Muri iyo ntahe, abamuburanira babandanije berekana ko ivyo Léonce Ngendakumana yagirizwa bitarivyo, kandi ko n’urwo rwandiko atarurungitse kw’izina ryiwe, ahubwo nk’umukuru w’urunani ADC Ikibiri.
Kuri ivyo vyaha yagirizwa, abashingwamanza b’umugambwe CNDD FDD basavye ko Léonce Ngendakumana yohanishwa ihadabu y’amafaranga imiriyoni cumi z’amarundi, ariko uwari ahagarariye amategeko muri iyo ntahe amusabira ihadabu ry’ibihumbi ijana hamwe n’umunyororo w’imyaka itanu. Urubanza rwaciye rushirwa mu mwiherero, bikaba bitegekanijwe ko ruzosomwa imbere y’igenekerezo rya 2 z’ukwezi kw’icumi 2014.
Tubamenyeshe ko ababuranira insamirizi Rema FM basavye ko urwo rubanza rwoshirwa mu madosiye abiri, umugambwe CNDD FDD ukaburanya Léonce Ngendakumana ukwawo, na Rema FM ikamuburanya ukwayo.
Egide Nduwimana
Messages
2 Nyakanga 2014, 15:06, par Ap
EGO NYENE UWO MUGABO AVUGA UKOYISHAKIYE UBUTUNGANE NIBUVYIHWEZE NEZA..KUKO IHONYABWOKO RITAMUSHOBOKEYE MUMYAKA YOGUSUSURUTSA...HAHA YIBAGIRA NINGOGA AKO NAGAHIMBO ( IHONYABWOKO !!!CANKE NGO RTRM ..) YIBAGIRA NINGOGA LEONCE.
2 Nyakanga 2014, 17:18, par Nelson
Emwe cndd fdd uradutetereje burya umugambi waruwo kuzibisha akanwa abarundi bose!!!iyomenya iza munyuma twarigupfuma dutora frosebu muri 2005.arikontaco ngo ntamvura idahita kuk ahoturi harabandi.
2 Nyakanga 2014, 18:18, par iNGOVYOI
Ndasavye umugambwe Cndd fdd ko wofunga abo bagabo bo muri Adc -iKIBI HAMA TUKISIGARIRA MUMATORA TWENYENE INKONA IKARARA
2 Nyakanga 2014, 22:48, par bosco
ahubwo hamwe Léonce atofungwa yoba yatanze igiturire kubera yarafashe uburundi nkubwiwe.yarakwiye kumenyako atakintu nakimwe yakoze
3 Nyakanga 2014, 03:11, par Mama
Ukondabibona Leonce Ngendakumana mushaka kumuhanira amakosha yose yakoze akoresheje utwotunywa twiwe ntimworonka nahomumufungira hamukwiye,kandi ntimworonka nurupapuro mwandikako igitigiri camafranga yamade mwokwandikako kukowosanga arigiharuro gifise ama zeros menshi adaharurika. Ndabashimiyerero komwamuciriye inkoningufi nkukotubisomye ngaha kiryagihano cogutanga ihadabu yibihumbi ijana (100,000frBu) numunyororo wimyaka 5 mwagizeneza kumworohereza murubwoburyo, Nakiryagihano cogutanga imiriyoni zirengahogato 10 kiryacoco namazimasa kuko ni prezida wimigambwe ikomakomeyecane ihurikiye muri ADC Ikibiri bazocababutanga ntaningorane. Ikindi namanumva BAMWEBAMWE mubarundi babahanze yu Burundi basamiranira mukiganiro citwa Karadiridimba gikunzeguhita kuri radio Isanganiro bavugako bamushigikiye muvyo avuga nomukurongora urunani ADC Ikibiri, ubwobu millions bazocababutanga mbere numuntumwe yobutanga, nakaretwebwe turingaha mu Burundi iyohagize icumuntu wumurundi abahanze avuze canecane ababa Buraya na America dukunze kwishiramwo kwarukuri, kandimuvyukuri ndafise abana baba mwivyobihugu bakunzekumbwirako dukwiye kuzoza turitondera zimwe muncuti dufise zibamubihugu vyohanze yu Burundi ngokuko iyoyumvirije bamwe ivyobavuga ku Burundi ngo bimutera amakenga!!!!!. ngohariho uwababwiyeko ngwahokuzotumwanya wiwe ajagutemberera burundi ngoyofuma yigira mu Rwanda! Murumvarero umuntunkuwo yumvise umuntu avuga amajambo yoguturira u Burundi acashigikira uwuyavuze. Mboneyeho nakaryo kokubahamagarira kuza murakurikirana ikiganiro citwa Karadiridimba gihita kuri Radio Isanganiro nicizacane kukwabataribake barahatangira impanuro nziza zodufasha mukwubaka igihugu cacu, abandinabobagatangirako ivyiyumviro vyoshobora kurandura igihugu, mboneyeho nogushimira abashizeho kiryakiganiro. Yari Mama
3 Nyakanga 2014, 13:24, par Muco
nawe mama uwoshaka kugufunda na ba dd ntaho yoronka abashira mbere mukwiye igihano cogupfa kuko murabicanyi gusa!!
3 Nyakanga 2014, 13:24, par Muco
nawe mama uwoshaka kugufunda na ba dd ntaho yoronka abashira mbere mukwiye igihano cogupfa kuko murabicanyi gusa!!
3 Nyakanga 2014, 15:20, par @#
uwo yiyita mama ntagitangaje gishasha kirimwo turamenyereye ibimuvamwo vyose ntantumbero nantoyi bigira nabo yavyaye arabigaragaza ko bameze nkawe.ubu yosigura gute ko dutwawe neza gute naba DD .abantu bafunga nuwubakebuye..igihugu carabanakiye uwiyagiriza amafuti yumurengera umutima ntumukundira kuguma mukibanza cawo nuwumukebuye amabonamwo umwansi.wewe wiyita mama nimba muburundi dufise abitwa kwar abafasoni nkawe bagera kwicumi. IMANA idufashe nkabo boba ari ibimena banga
3 Nyakanga 2014, 15:54, par Mama
@Muco, nishimiyeko wemera ko LEONCE arumunyamakoaha, ubworero nanjekondumunyamakosha nanje ejo nzoba ndimbere yubutungane nagieizwa ivyonakoze jewe Mama not CNDD FDD kuko kuvugamakosha yobakorwa nabamwe muba CNDD FDD ninkuko wovuga amakoaha akorwa nabarundi, tuzerero turavuga tuti wewe Mama canke wewe Muco amakosayawe.
3 Nyakanga 2014, 17:43, par IRAKOZE
nbega abagonba gupfunga Leoncia ni bareke guta umwanya bamureke kuko uwo avuga nkuwita yaraheze azopfa urwo rwo kwibagira ningoga ntanabarwr no mu ntoke uwo ni nka CHISEKEDI azama apinga ibihe vyose gudgika aho akabonge kazomutwarira
4 Nyakanga 2014, 22:57, par Dawewacu
Mbe tuvahe tukajahe bihanze leta nugupfunga abatavuga rumwe naleta none iryo niryoterambere bagezeko inyuma yimyaka cumi mumaze kubutegetsi!!! Buraca bugacanayandi !!! Ntamajwi yacu tuzosubira kubaha kuko mwasubije inyuma igihu -101%
7 Nyakanga 2014, 18:39, par JAJA
Emwe ariko ntimumbarire ko ivyo bihumbi ijana arivyamarundi!!???? Kumuntu yihaye ibara uko kose!!????iyo mumuca nki miriyoni ijana mugaca mumushirirako nuwo munyororo wiyo myaka itanu ahoho vyapfuma