IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abacamanza baca izangondagonde mu minsi iza bazobibazwa

Abacamanza baca izangondagonde mu minsi iza bazobibazwa

lundi 20 Rusama 2013

Umukuru w’urwego rw’abashingwamanza b’Ibujumbura Zidori Rufyikiri amenyesha ko abacamanza batinya guca imanza ngo ntibatakaze ibibanza vyabo, ko mu minsi aribo bazobazwa ibikorwa n’imbonerakure za CNDD-FDD co kimwe n’abapolisi bafashanya n’urwo rwaruka mu guhungabanya umutekano w ‘igihugu.

Rufyikiri amenyesha ko amajambo yashikirijwe na Fideli Nsengumikiza kw’iradiyo y’abanyagihugu RPA mu kiganiro « uterera iki ?» cabaye kw’igenekerez rya 12 Rusama 2013, yari nk’imburi yatanze ku mabi urwo rwaruka rwari guhava rukora mu gihe abategetsi batari gufata ingingo zikomeye mu gushira mu buryo ibintu.

Umukuru w’urwego rw’’abashingwamanza b’Ibujumbura asaba umukuru w’igihugu c’Uburundi ko yofata ingingo zikomeye zoguhagarika ibikorwa vy’ubwicanyi vyagirizwa rumwe mu rwaruka rw’imbonerakure.

Rufyikiri amenyesha urwo rwaruka ko ruzobazwa ivyo ruriko rurakora ubwa mbere, na cane cane ko ubu isi yateye imbere umuntu ashobora gukubitwa intahe mu gahanga ku vyaha yagirizwa inyuma y’imyaka n’imyaka.

Umushingwamanza Rufyikiri asaba abanyagihugu b’abarundi gushira ubwoba bakicungerera n’abo nyene umutekano wabo ijoro n’umutaga , ndetse asaba n’amakungu gufasha Uburundi kugira urwego rw’ubutungane rwigenga.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.