Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abadandaza bagura umwavu w’abanyagihugu baragabishwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Abadandaza bagura umwavu w’abanyagihugu baragabishwa

Abadandaza bagura umwavu w’abanyagihugu baragabishwa

lundi 22 Nyakanga 2014

Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bubicishije muri wa mugambi wo kuronsa abanyagihugu umwavu w’ikizungu ku giciro giciriritse, buragabisha abadandaza bamwe bamwe bafashe ingendo yo gusubira kugurira abo banyagihugu kandi ata burenganzira bafise bwo kwinjiza ibidandazwa (importation).

Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi yamenyesheje ko abarimyi bari bagize komande y’umwavu ugera ku matoni 16395,9 y’umwavu w’ikizungu hongerako n’umwavu uzosabwa mu kwezi kwa Gitugutu umwaka w’2014. Yibukije ko igikorwa co gutanga uwo mwavu kiriko kirakorwa mu makomine yose yo mu gihugu kuri abo bose bamaze kuriha igice ca mbere c’amafranga. Ariko rero umunyamabanga ntayegayezwa yamenyesheje ko hari inyifato isigaye igaragara ku barimyi bahendwa n’abadandaza babagurira uwo mwavu kugira bace bawugurisha ku giciro kinini.

Yozefu Nduwimana umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi yaciye aboneraho akaryo ko kumenyesha abanyagihugu muri rusangi hamwe n’abo bawugurisha ko ubwo bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi ko kibujijwe kurangura uwo mwavu ataruhusha bahawe ,kuko kanatsinda uwo mwavu usanzwe uva mu bihugu vyo hanze kandi bisaba ko kugira uwudandaze n’uko umudandaza aba afise uruhusha yahawe n’ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi.

Yamenyesheje ko abadandaza uwo mwavu hamwe bofatwa, bazoca bawakwa baheze uheze udandazwe, amafranga nayo azovamwo akazoca aja mu kigega ca Reta. Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi busaba ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’umutekano guterera agacumu ku bumwe mu gushira mu ngiro iyo ngingo kugira bakingire abarimyi , urwo rudandaza rudakurikijwe amategeko , nk’uko Yozefu Nduwimana abandanya abishikiriza.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.