Accueil > Ubutunzi > Abadandaza bataronse ibibanza mw’isoko ya COTEBU baridogera umurwi (...)
Abadandaza bataronse ibibanza mw’isoko ya COTEBU baridogera umurwi ubijejwe
mercredi 22 Gitugutu 2014
Ryabaye irya mbere abadandaza bari bafitaniye amasezerano na SOGEMAC baburiye ibidandazwa mw’isoko nkuru ya BUJUMBURA binjira mw’isoko mfatakibanza ya COTEBU kwirabira ibibanza bahawe. Ariko n’ubu imyidogo ntirahera kuko hari abavuga ko batarenganuwe.
Iyo soko rero igizwe n’amakaritiye ane nk’uko vyari bimeze mw’isoko nkuru ya Bujumbura ,ikaritiye ya mbere n’iyimfungurwa ,iya kabiri igizwe n’ibitenge amasafuriya amasahani, iya gatatu igizwe naza mpuzu z’abakenyezi bita amabaze, ibitenge impuzu z’abana amashati y’abagabo, ikaritiye ya kane nayo igizwe n’amavuta yo kwisiga hamwe n’inzoga z’injabuka. Hari n’ikindi gice c’ahazodandarizwa inyama n’amafi, hari kandi n’ikindi kibanza basigarije bamwe badandariza mw’ibarabara . Ariko abo badandaza n’ubwo bashima ko baronse ibibanza baridoga ko ari duto cane na cane abo muri karitiye ya mbere.
N’ubwo rero abatari bake bisanzeko kuri izo ntonde zamanitswe mu gatondo ko kuri uno wa gatatu. igenekerezo rya 22 gitugutu, hari n’abandi bavuga ko bataronse ibibanza kandi bari bafitaniye amasezerano na SOGEMAC abandi nabo bakavuga ko bari basanzwe baza barariha muri SOGEMAC, ku munsi ku munsi ariko uwo murwi ukaba utashoboye kubarenganura nk’uko wari wavyiyemeje igihe hasohoka urutonde rwa mbere rw’abaronse ibibanza muri iryo soko. Abandi bavuga ko bari baguze ariko bakaba batisanzeko.
Kabura Gabriel aserukira abadandaza baburiye ivyabo mw’ isoko nkuru ya BUJUMBURA akongera akaba ari no mu murwi ujejwe gutanga ibibanza muri iryo soko, ahanini arashima uko ico gikorwa cagenze. Ariko asaba abo bose batanyuzwe bafise akarigangamuhogo kugenda ahasanzwe hakorera uwo murwi kugira bamusigurire bongere bamwereke igituma ataronse. Tubamenyeshe ko abadandaza bose hamwe bari bamanitse bagera ku 2322.
Floxella Karire
Messages
23 Gitugutu 2014, 14:40, par john
Nibarabe ingene nabo bobona aha bondadariza
23 Gitugutu 2014, 20:24, par Rukoko
Abonabo bandibuze mukore ukobwabayega nabomubarose ahobazacururiza kukoburya nibwobutunzi bwu Burundi muzabamukoze abarundi benewacu.