Accueil > Amakuru > u Burundi > Abadandaza bo mu Buraruko bw’igihugu basabwe gushigikira OBR
Abadandaza bo mu Buraruko bw’igihugu basabwe gushigikira OBR
samedi 14 Ruhuhuma 2015
Mu nama yahuje umukuru w’igihugu n’abadandaza bo mu ntara za Muyinga, Kirundo, Ngozi na Kayanza, bamumenyesheje ko batoroherezwa na OBR iyo bakuye ibidandazwa hanze y’igihugu.

Abo badandaza, bakavuga iyo bakuye ibidandazwa mu bihugu vy’Urwanda, Kenya, Ouganda na Tanzaniya batoroherezwa n’ico gisata ca Reta kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza rero akaba yabariye abo badandaza ko OBR iriho ku neza y’abarundi, eka mbere akaba yabasavye nyabuna ko bokorana neza na OBR, kuko ifasha mw’iterambere ry’igihugu. Aho umukuru w’igihugu rero akaba yabwiye abo badandaza ko boza baritaba inama zose zitunganywa n’ico kigo mu ntumbero yo gutahura neza, akamaro ka OBR mu Burundi. Petero Nkurunziza amenyesha ko hagiye kujaho umurwi uhurikiyemwo bose, mu ntumbero yo gukinga umwumvikano muke ukunda kurangwa hagati y’abandandaza n’abakozi b’ikigo ca OBR.
Iyo nama rero yabereye muri komine ya Kiremba kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 13 Ruhuhuma, inyuma y’aho mu ntara z’Uburaruko bw’igihugu habonekeye ukwumvikana guke hagati y’abadandaza hamwe n’abakozi ba OBR, aho mu ntara ya Muyinga ho habaye imishamirano ikomeye, abaporisi bakarinda kurasa hejuru mu gukingira abakozi ba OBR, vyagaragara ko bari basagirijwe mw’isoko ya Muyinga aho bari baroye gufata umuduga bari biketse ko winjije ibidandazwa vya magendo.

Aristide Nizigire
Messages
15 Ruhuhuma 2015, 19:09, par lion mupara
ivyo mugira mwibazango vyanka bikunda muzovako mukinda mugaramy muvuga yamuhe