Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abadashigikiye ikiringo ca gatatu basabwa kuvyerekana kuri uwu wa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abadashigikiye ikiringo ca gatatu basabwa kuvyerekana kuri uwu wa (...)

Abadashigikiye ikiringo ca gatatu basabwa kuvyerekana kuri uwu wa kane

jeudi 2 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Amashirahamwe ari mu rugamba rwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ahamagarira abanyagihugu bose badashigikiye ico kiringo, kubigaragaza kuri uwu wa kane, mu kuvuza amahoni (Klaxon), amakengeri, amasafuriya, amasahani, hamwe n’ibindi.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa gatatu, abagize amashirahamwe ari mu rugamba rw’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, bavuga ko ibintu vyayangaye, mbere bongera bakamenyesha ko Petero Nkurunziza yari akwiye guhabwa ikarata itukura, ku basanzwe bazi ico iyo karata ivuga mu mikino, nk’uko Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC abishikiriza.

JPEG - 39.1 ko
Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC

Muri ico kiganiro, ayo mashirahamwe adashigikiye ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza abandanya avuga ko ababazwa n’ukungene Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu c’Uburundi atihanganira uwo wese adashigikiye ikiringo ca gatatu, aho mbere baca bafatwa n’inkozi z’ikibi, agatanga uturorero tw’abamaze iminsi basakwa.

Ayo mashirahamwe adashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu asaba igiporisi n’igisirikare kuvuga aho bahagaze ku mpari zihamaze iminsi. Abandanya atera akamo abo bose badashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu, kuvuza amahoni, amakengeri, amasafuriya, n’amasahani mu ntumbero yo kwerekana ko badashigikiye ko Petero Nkurunziza yitoza ubugira gatatu, bagasabwa kubivuza kuri uno wa kane igihe c’isaha zitandatu n’iminota mirongo ibiri, ay mahoni bagasabwa kuyavuze iminota ibiri.


Floxella Karire

Messages

  • Ndagushimiye mon frere Vital,mais kuko ngukunda ndagukebuye,reka kuroha abo bantu ngo baje mubarabara,ego kuvuza ivyo bavuza d’accord mais kuja mubarabara nukugaburira ibisiga abanyagihugu kuko abo ba dd bisinye we ntubazi,barashishwe kandi akarimunda y,imbwa bagakuzayubuhiri,apana amajambo,ahubwo dutangurire utanguze ikiroberi,twe tugukwirikire,,hama bwire abo banyepolitique bagende hamwe bavugana barabe inzira yguhamahoro abarundi,nahimigumuko wapi ntacuhanoba,peter est intact,il va pose sa candidature kuko nta baricade nimwe mbona kuko bizobagora kumubuza sinkubesha kuko les sonnettes ou autres pour moi c’est du jeu d’enfants pour ces gents làqui ont goute la partie viendée du pays,vaut mieux commencer la bataille par la fore,nous sommes pret a te suivre,haya rendez -vous dans la foret (KIBIRA).A toit de nous signaler le jour de depart,si non tu joues perdant.Abon enttendeur salut.

  • Twarabibonye muri kenya,cote d’ivore,abahasize ubuzima.ahubwo muracisha munzira yibiganiro,nkukwamasezerano yi arusha abivuga

  • Mutama ukonyene batwice ivyo nawe urabikora uvuze bazotubwira ko wabikoze tuzokwemera Kandi Umutama atwara igihugu ntamusi numwe aravyivugira ko azokwitoza ntakamaro ko kwiyamiriza umuntu atarabivuga ntibahirahire ngo babikore bazohanwa namwe mwibereyeho neza

  • Ce tu dit est vrai mon frere Vital.kandi nibaza ko ari signer yuko nawe yobona position du peuple.

  • Mfuranzima!! ivyo uvuze sivyo, ahubwo wewe ushaka gutanguza rebellion no wewe ushaka kuroha abantu!! uburundi ubu nta kibanza c’indwano gihari! hama uti aba DDs barashishwe kandi bamenyereye ishamba? aho nyene urabeshe, wibukeko ata na province nimwe bigenze bashobora gufata mu myaka yose bamaze ku rugugamba! mbere na na commune bari bafise! none bashishwe gute? Ahubwo nyabuna bahanure bareke 3 eme mandat hama amahoro asasagare mu burundi!!! Komera!

  • ntibabatere ubwoba ngo bazobarasa ntawutazopfa ahubwo nukumwereka ko atari ica se nanyina akigumako yitwaziki niwe yakigwaniye wenyene ahubwo azokwiruke narindire mumwereke ko arumwana muto

  • Vital wewe ntukomye neza kuko uraduhenda uzobikore wewe wenyene uduhe akarorero kuko mwebwe twaramaze kubahinyura sha.amabara ayo makoti natwe dukurikire
    Mbega nkurunziza atwaye wewe iki?
    REKA REKA TWEBWE NTIDUSHOBORA KUKUMVIRA MUTAMA.URAVUZA UZOMBWIRA LA SUITE.a bon ettendeur salut

  • uraduhenda sha,uriko urarondera umwanya muri reta bucya itorwa,kandi ntuzomenya ko isafuriya yange nayitoboye ngushigikira.

  • @Vital, nyabunashaaaa!!! Ngwaba sirikare nabo ubipfuriza kobaja mwivyobintu vyanyu vyamashirahamwe yamafuti nimigambe yamafuti? Yewe urabuze ucukinatisha wewe ushaka gukinatisha ingwe, abo urazobakura igihe uzobona abantubaje bameze nkabamwe baserukira Cibitoke mumpera zumwaka uheze nihobazocabakwereka ahobahagaze, nayo ayomajamboyanyu yurundahera kumusirikare wuburundi ntawuzokwumva mbere uzibazako Arabs who!.

  • umuntu yashyizweho n’inkoho avuye mukivira mwumva muzomukura n’amahoni koko,uziko aribwo nabona ko mudakomeye mumutwe, nawe jya mu kibira urondere abakuyoboka murwane uzorokoka bamuhe ikibanza atware apana ibyo bikinisho by’abana.

  • Reka basha kuba mukwega imiriro.Bamwumviriza background yikintu icari co cose
    Mucihweze pole pole mutahure.Abagomba kuja mwibarabara ce sont des inconscients.Ababatuma bamwe bavuye kubutegetsi depuis 10 ans basangiye iki?Hari ico babasigiye?Mbega bazobaherekeza mwibarabara?Agashimwe kama ari ego basha mwakoze neza vous etes des patriotes....Sinon le cas contraire le -1%
    bashoboye kumara amabarabara ni bafyondwa na 56% bifuza kusubira gutora Peter Nkurunziza selon uburenganzira bahabwa na constitution , abo babatuma batanaseruka bazobajana kuri Prince Regent?
    Mbega ko ari indoto ukuri twese tukubona a quoi ce sert yo kuja gufasha intumva mukurenganya Peter Nkurunziza.Constitution imurekurera mandat ya kabiri.Ivya Arusha ni histoire tres compliquee.Abumva ni bumve.Ingwano twagiye tubamwo zava kugasuzuguro .Iyo aba Ari Buyoya agira yitoze ntanumwe aba ariko agumuka.Uburundi ni ubwabose Droit Buyoya aba afise niyo Droit na Peter ategerezwa kuronka bishimikije constitution.Yagiye mwishamba pendant 10 ans kugira akure akarenganyo agasuzuguro mumitsi yabarundi.Siwe mwohera ko ababigira barihenda.La meilleure solution enda umwe wese naje kumirimo yiwe.Hama le resultat des votes izoteba iboneka
    niyo izotubwira ko abarundi bamushaka ou ko bamuhaze.Na Monseigneur Ntamwana na powe!Le scrutin niyo izotubwira qui est president en aout prochain.Il ne suffit pas yo kwibaza ngo Uri Nr 1 dans une representation ngo irivuzwe ni amen.C est le peuple qui decidera.Mbega hoho ni kubera iki
    Constitution itarivumereye ngo ni abize ou aba sirisita qui decident de la personne qui sera president?Abari Impatients badashoboye kurindira amatora nibafate jeun sec hama ku munsi w imana bayisabe ibereke uwuzoba President en Aout.Rero twebwe ingwano , ibihuha,Agasuzuguro, Akarenganyo
    vyaraturambiye.Abashaka gutwara batabibereye kandi tuzi ko baba bafise gahunda yokusiga twadusaho twitwa sitoma nibateshwe bate.Ntamunsi wijana abarundi bataguye ubwenge.

  • mutama,uvuzeukuriahubwoiyotuvuzaindurujewendabona.nkurunzizantarotaarekuraigihugu.arikonahoyishimiyeizo.mponerakura.!!yarabivuzeweyeneizoheramuhiriweiherereiwenyene.nariryogoretumwerekeingeneintamayambarwa

  • wamugabowe urahaze urazoyangure uvuze rwawe nivyatoboja uzotugurira ibindi niwaba ugimba kwitoza jamubandi uhiganwe canke uwuzovuza honi bakamucamande uzoyamutangira ahubwo uhayamahera reta kuko ejo ibitasivyonse bizorara bisohotse urumugabope kimwegusa tugurire ayomasajani namabido tuzokoreshe kandi niwe uzotangura he muragabe igihugu nticitwara kandi haruwuvuze ngo azokominduru azokoreshe amabokoyonse nihoyokumvikana

  • KUBA MOINS INSTRUIT NIYO FONDATION YO GUHENDWA. BAMWE BAHARURA KO PETER NKURUNZIZA ATWAYE IMYAKA 10 (2 MANDATS).ABANDI NABO BATI ATWAYE IMYAKA 5 ( 1 MANDAT) . NDABIBUTSE TUTIHENZE INTWARO YE YATANGUYE 2005 . PENSEZ AUSSI AUX ACCORS D’ALUSHA. BURYA NGO "AMATWI Y’UWIKOREYE URUPFU NTIYUMVA" KANDI NGO "UMUPFU NTIYINUKIRA" INGOMA ITAZOHINDUKA NI IMWE GUSA"YA YESU" KURYA IGIHUGU YAGIHAWE PAR LA VOIE PACIFIQUE YOKWIYE NO KUGISUBIZA ATARINDIRIYE KO AMARASO Y ABANTU ASESEKA. KUKO ABAGOMVYE KWIHARIZA UBUTEGETSE BAVAHO NABI MBERE BAKASIGA N UBUZIMA. UBURORERO MURABUFISE. IYO NI IMBURI TUGIRE AMAHORO. NTAWUPFA ABIMAZE.

  • Banyakubahwa nimukomeze mutubwire ibigenda nabi kuko nimwe rumuri rwacu kuko bamwe bamwe nta dufise tuvugira,aba nabo batwiyitirira ngo baraduserukira, abahoze kurugamba turi beshi turi inyuma yanyu nimukomere kw’ibanga ntimucikintege.

  • Abo bantu mwese mugishigikiye Nkurunziza nimwugurure amaso. Ntawansumvya kumukunda. Natanguye kumwishiramwo nabi umusi avuga ko yosubira kwitoza umugambwe umucaguye. Narinzi ko yovuze ijambo rizoba rurangiranwa no mu buzukuru bacu ryerekakana ko ari umugabo nsanga yavuze nkumuntu adafise ubwenge bukwiye. Nkurunziza ikindi namwankiye ni corruption. Kubona abantu biba bakatemvya igihugu ntihagire abo afata akabakingira ikibaba gushika naho amakungu ahagarika imfashanyo yayo kubera ubusuma; aho vyaboneka ko nawe nyene cari igisuma. Ikindi naco Raba igihugu aho kigeze mu bukene kiri muri bitanu vyanyuma bikenye kwisi hamamuce mwiyumvira abo bantu batabona nakimwe mu myaka itanu yosubira gutwaraaho kizoba kigeze. Les bons presidents babapimira kuri Economie. Economie ibananiye biba vyabananiye. Mwari bwabone aho les docteurs babura akazi bagaheza bakaja mwibarabara. Raba chomage aho igeze igihugu mbega iyindi myaka itanu mubona yohera kweri uburundi bugeze hehe. Ehe raba ikindi amakungu yarahagaritse ama robinets kubera ubusuma mbega yosubira kwitoza nakadolari bapha kuduterera ntiboca bagahagarika rwose none twoba abande ? Abantu batobato nibaba bamukimushigikiye nuko ari intama zitabona ko ibintu vyayogeye i Burundi mugabo barya bitwa Imbonerakure bakazosubira guhendwa ngo ni bagende gutera naka bamenye ko Nkurunziza atariwe azokwama atwara hazoza uwundi kandi bazoheza bavyishure ntibazovuga ko bahenzwe. Barundi Barundikazi Nkurunziza ntariko ararekura mugabo nashaka ndababwire ko igihe muzokwumva ngo akoresheje inguvu ngo yitoze muzoce mumenya ko urupfu rwiwe rushitse, kandi birazwi ko azopfa bizwi kuva kera turetse bimwe vya Damacene. Igikuru ubu ni ugusenga guko ashaka asige asambuye umugambwe ate nigihugu mwisanganya makungu asemerera ariko yabaye kananira bagabo nawe atimye. Utamuhanuye ninde ? Abo basangiye kuyogoza igihugu basahurira mu mifuko. Ubu murabona aho imfashanyo amakungu yayihagarikiye ko bariko bagurisha ibibanza vyigihugu comme le marche de Bujumbura. Barya babikira kweri babakecuru ubona babahoye iki ? Bazobahumira bariko bigira agahambaye mugabo imisi yabo iraharuye. Tugira amahoro mugabomubandanye musenga kugira nivyashika Imana ikingire imiryango yanyu.

  • Kubwaje Na Barurundi Nimba Akunda Igihugu Nabarundi Ntiyitoz....

  • Abo bantu bo muri société civile bari abicanyi mu ma shuli,aba sans echecs,ntibigeze bakurikiranwa,birigwa bararya amafaranga avuye mu bazungu bagaca bisanzura mu kuvuga,sans oublier Vital iyo malaya ishurashuza les mineurs,ni amasahani n’amasafuriya gusa ntaco,ariko jewe ndi umu polisi,umunsi boja mw’ibarabara,bose nobaha izo mu gahanga nkazovyemanga i la haye ariko ata numwe muri abo bose yasubiye i muhira,i la haye on mange trois fois par jour!!!

  • MANA TABARA UBURUNDI ARIKO KOKO PETERO NKURUNZIZA NTABONA KWIMISI YAMUHERANYE!! NUBU ARACIYINVIRA KWITOZA ! BARAMUSHUKAAA! TABARA ABAWE MANA

  • Wima amaraso igihu imbwa zikayanywera ubusa, mwanze kurwanya CDD-FDD ikiri mwishyamba mwirirwa mwohereza abana banyu iburayi none nimwacere ibakande wenda ubwenge buzaza nyuma ya manda ya 3.

  • Je harikintu kintangaza kandi kinambabaza,mbega abo bose bakiranira igihugu boba bibaza iyo baje bava,ico baje gukora ngaha kuriyisi,bamaziki,mbe inyuma yokubaho aha baribaza ahandi hantu bazaja kuba,mbe boba bibuka imyaka bamaze bakibaza nigihe basigaje bakava mumubiri,igihugu c’uburundi abashaka kukirongora bose nabantu bakuze bashonje kandi bakurana nindero nke kuko ntakuntu wasigurako umuti woguhana kari kwica,
    ntibishinge bakomantaza imitima kuko ubwabo bafise ijwi ribahanura ribereka ineza bikanka bakaryicarako kurubwo niyo mpamvu bakomeza bakora ibibi,
    mbekobaharanira icubahiro iyo amahoro abonetse nti tworoherwa twese yabura tugahangayika twempi?
    itunga subwo butuzi muriko muniganira nimpwemumbi zukudakizwa zibuzuye kuko twese twavutse cokimwe ntawavukanye nakimwe twaje dufise utuganza dufunditse ubusa kurivyo nabasaba kudahoresha umwana inkoni kuko uhoma isashi ayitwika yose!itunga nyakuri nukwitahura ukamenya ico wakorera mugenzawe hama nawe akakwitura ineza!ICO udashaka kobagukorera ntukagikorere abandi.

  • kotwavugije amahoni narabuze icovamwo atari ukutufatira imiduga yacu dutanga amande jewe narinzi uwo bahaye carte rouge acava mukibuga none wewe aguma akina kandi bamuhaye rouge none uwo mukino nuwahe?

  • ahubwo.bakwiye kuvuza amaru ru .?.kananira bagabo ntiyi ma...

  • burundi? mbega amakungu arindiriye ko duhona? onu tabara hakiri kare

  • Jew Kuco Novuga Arasoma<< Imigani 29:1>> Imana Ishishikare Imutahuza Amen!!!!

  • NIBABA NABONYENE BATARONDERA AMAGABURANYAMA,NIBAREKE IKIRINGO GIHERE KUKO UKO BIYAMIRIZA HAGWA ABANTU!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.