Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abafatiwe ku ngoro ya MSD 48 basabiwe gupfungwa ubuzima bwose - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abafatiwe ku ngoro ya MSD 48 basabiwe gupfungwa ubuzima bwose

Abafatiwe ku ngoro ya MSD 48 basabiwe gupfungwa ubuzima bwose

mardi 18 Ntwarante 2014

Urubanza rw’abantu 70 bafashwe mu migumuko yabaye hagati y’abaporisi n’urwaruka rwa MSD rwasubiriye kwumvirizwa muri sentare rubamba. Ku bafashwe 70, abagera kuri 48 ntibashoboye kuburana kuko bamwe muribo badafise ababafasha kuburana, abandi nabo bakavuga ko batashoboye kuronka umwanya wo gusoma ivyo bagirizwa, bari kumwe n’abashingwamanza babo. N’aho basavye kwongerwa umwanya imbere y’uko baburana, nticabujije ko umushikirizamanza abasabira umunyororo wo guherayo

JPEG - 1.2 Mo
Abafashwe bose hamwe ni 70

Mu bibazo vy’intangamarara, imbere y’uko abacamanza batangura idondora ry’abapfunzwe ryatanguye nk’isaha zitatu n’iminota mirongo itatu, abashingwamanza b’abo bafashwe basavye ko bohabwa umwanya ukwiye wo gusoma ivyo abo baburanira bagirizwa, kandi ko sentare yotandukanya mu mirwi abo bafashwe, na kare ko bose batafatiwe hamwe, badakurikiranwako ivyaha bimwe, kandi ko bose badafise ivyaha vyo kuburanishirizwa muri sentare rubamba. Basavye kandi ko n’ikibazo c’abana babiri batarakwiza imyaka 18 cokwirwa ukwaco, bakumvirizwa na sentare ibifitiye ububasha. Abo bashingwamanza basavye kandi ko sentare yobanza kurindira ko abaporisi bari ku ngoro y’umugambwe MSD bitwariwe bokwumvirizwa kugira baheze bagirizanye n’abo bafashwe. Sentare ntiyemeye ivyo vyasabwe ko urubanza rwobangira kuburanishwa, ica itangura guhamagara umurwi ku murwi kugira babumvirize.

Umurwi wa mbere w’abapfunzwe 48 ugizwe n’abantu 17 bafatiwe mu ngoro y’umugambwe MSD ku munsi wa gatandatu umunsi haba iyo migumuko, hamwe n’abandi 31 bafashwe mu bikorwa vyo kurondera abari banyaze amagara muri urwo rwaruka, ibikorwa vyakozwe n’igiporisi ku munsi w’Imana imigumuko yaraye ibaye. Umushikirizamanza yaserukiye Reta muri urwo rubanza yagirije uwo murwi wa mbere ivyaha vy’imigumuko bakoresheje ibirwanisho, ukwaka ibirwanisho abajejwe umutekano, kubakubagura hamwe n’ukubagira imbohe. Muri bose uko ari 48 nta n’umwe yashoboye kuburana, bamwe muribo bakavuga ko batagira abababuranira, abandi bakavuga ko batamenyeshejwe hakiri kare ivyo bagirizwa. N’aho abashingwamanza babo bari basavye ko bohabwa akanya, sentare yabandanije iburanisha urubanza yonyene, umushikirizamanza avuga akiyishura, abo aburanya bose bumviriza ata n’umwe yisigura kuvyo yagirizwa. Uwo mushikirizamanza yaciye abasabira umunyororo wo gupfungwa ubuzima bwabo bwose uko ari 48.

Umurwi wa kabiri ugizwe n’abantu 22 bafashwe mu bikorwa igiporisi cakoze ku munsi w’Imana igenekerezo rya 9 Ntwarante, akajagari karaye kabaye. Ico gikorwa cari ico kurondera abari mu migumuko boba binyegeje mu micungararo y’ingoro y’umugambwe MSD, canke mu yindi mihingo, hamwe n’abafashwe mu gatondo ko ku munsi wa gatandatu imbere y’uko imigumuko itangura. Umushikirizamanza yabagirije icaha c’uko ari abagumutsi binyegeje mubashaka kugira imyimenyerezo yo kwinonora imitsi, kandi ko ari umurwi wari witunganije, ujejwe kuzibira abajejwe umutekano boza gutabara mu kajagari kari kuba ku muhingamo. Abo muri uwo murwi, bamwe baburanye, abo nabo bakaba ari abavuga ko bafashwe ku mwikeko bariko baja mu mirimo yindi itandukanye, canke ababonye abari mw’ikarashishi bakabinjiramwo batazi ivyari gukurikira.

JPEG - 1.1 Mo
Abo mu murwi wa kabiri bagizwe n’abafatiwe mu mihingo itandukanye

Abashingwamanza b’umurwi wa mbere utumvirijwe baneguye kubona sentare ishobora kubima umwanya wo gusoma ivyo abo baburanira bagirizwa, bakabona ko hoba hari iyindi ntumbero yinyegeje inyuma y’ukwo kuburanisha urwo rubanza gihutihuti. Amakuru twakuye aho kuri sentare nkuru ikukira Mairie ya Bujumbura, n’uko ingingo yo gupfunga urwo rwaruka ubuzima bwarwo bwose yoba yamaze gusohoka. Muri 70 bakurikiranwako icaha c’imigumuko n’ikiroberi, umwe gusa niwe atashoboye kurenguka kuko yari arwaje umwana akiri muto bapfunganwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, nk’uko vyashikirijwe. Urubanza rwashizwe mu mwiherero, ingingo ya sentare ikaba izomenyekana kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 21 Ntwarante 2014

JPEG - 1.1 Mo
Abashwingwamanza b’umurwi wa mbere baciye basohoka, kuko sentare itariko irumviriza ivyo bariko barasaba ko bohabwa umwanya wo gusoma urubanza

Egide Nduwimana

Messages

  • urwaruka rwo mu burundi rwohakura icirwa .ubu urwo rwaruka ruriko ruzira ubusa ababahenze bidegemvya .rwaruka rwuburundi nimwirinde ababahenda hama mureke kwumvirinza abanyeporitike kuko bobo baraduhenda basumira inda zabo ,nimuze tuje hamwe mukwubaka igihugu cacu aho kuja mumigumuko kuko yoyo ntakamaro . Imana ihezagire uburundi

  • Basha mwakoze ko mutiriwe murata umwanya ngo muraburana kandi muzi urubanza baca.ariko bamenye ko tot ou tard la justice sera rendu

  • FUNGA IYO MIHIMBIRI.BIBAZA NGO IBINTU BIRACARI BIMWE VYO KUNTWARO ZI GI SANS ECHEC? AHOBWO UWUZOSUBIRA KUBIGIRA NI UKURASA ATAGUFYINA.

  • FUNGA IYO MIHIMBIRI.BIBAZA NGO IBINTU BIRACARI BIMWE VYO KUNTWARO ZI GI SANS ECHEC? AHOBWO UWUZOSUBIRA KUBIGIRA NI UKURASA ATAGUFYINA.

  • FUNGA IYO MIHIMBIRI.BIBAZA NGO IBINTU BIRACARI BIMWE VYO KUNTWARO ZI GI SANS ECHEC? AHOBWO UWUZOSUBIRA KUBIGIRA NI UKURASA ATAGUFYINA.

  • mbe hoho ko mbona umenga muri buno burundi hasigaye hari akagwi k’abantu bategeka ubutungane?vyiza mbona umunt wese ashaka amahoro mu mutima wiwe yogerageza kuba neutre kuko tot ou tard uruhigi ruzohindukira...ivyo ndabivuze nk’uwuhanura...

  • nambarico bapfa umubuzima bwabo bwose!sha namba aba dd barahumiwe ubwo baribaza konejo ibihinduka vyohinduka,ndabarahiye tugifise abutegetsi nkubu ntaterambere butumwanya kubitagirakamaro nambwa ubwenge bwarataritse .

  • No,No,No,No,No guys murazi ko mushobora gutuma dutangura kuja mumabarabara aho abarundi turangwa hose mpaka intwaro ihari itanze iihoho?

  • bakame bawitonda sha aho naw woshikayo wotangura gutera amaruru ngo injustice icobakoz kibi niki? imbonerakur ko ataco bazigira rindira sha ayomanyama mufis azohera hama namw mukubitw nkinzoka

  • Mbega bibaza ko bazoguma kubutegetsi nimubafuge abandi bazobarekura namwe muce mwijira.muri ibigugu mwibaz ko abantu baca bahora bagire ubwoba haaa hiiii nguma mwantsa umucanwa ntituzemera ko musubira kuja kunya kumisozi yacu igwano izoherera aho mugisagara

  • Imana nifashe uburundi!!

  • Mbe basabira gufungwa ubuzima bwabo bwose.bibazako bazotwara ubuzima bwabo bwose intahe niyafata ijambo bazovayo kandi abarundi bos ntibazobahereza mumpimba!bigumy bazovayo hinjire abo bibazako bashitse!

  • iyomihimbiri mengo nukurya ntibarya Nino bashaka gufata igihugu?akamaramaza kariho PE!!! nimureke ugworumogi basha uwomuhimbiri ariko arabahenda.umuntu atazi gukura ubwanwa niwe abahenda kwazoba Umukuru wigihugu?uyo

  • NIMWIREKERE ABAKUNDA UBUKAZI N,INDWANO BAZAMAHO YAMARA NTAKAMARO.

  • NONEKO SINDUHIJE ATABAKURAYO NTASHIGIWE NA AMERIKA!!PORITIKE NIGIKOKO KIRYANA NTEYE AKAMO URWARUKA KO UWOGIRA UBWENGE YOKWIKORERA IVYIWE VYITERAMBERE MUKIRINDA ABABASUKA.MENYA NEZA:NA YEZU NTIYASHOBOYE GUHINDURA ISI.UMUROZI AGUTEKESHA INKONO Y’IKIBI YASHA AKAYIGUTANA!!OU EST SINDUHIJE?

  • Muriyi myaka tugezemwo,uvyonze ,ugaca kubiri namategeko atugenga nukubazwa kugatwe kawe wewe nyene,ntakujaniranya, oya!umwe wese nukwibako.

  • Ego Batange Akarorero Kugirango,nabandi,bagire Icobubaha Kandi Jendabona Sentarezatanguyegukoraneza E Gufungaburundu?Bakuyehogukina Ndabemeye

  • Hana abo bagumutsi!,izo nintunva!,bashaka gusubira guturiza amapine na Essence abarundi binzirakarengane,Abo bari barimenyereye,kandaho naho mubona bakiri batoya,ivyo kugarariza baravyigishijwe kuva bakiri impinja,ba se babo bababwira bati kura mwana ukinfashe kukirongora,yamubwira igihugu,none bashahumwe raba baragakuranye,ntibashaka kuvirira uyo murage mubi barazwe na base be nabasewabo.sinduhije amakuru yokwizera gwubu avuganira iburaya ,mubuswisi datawanje,namwe muriko murokegwa nintahe.kubwanje:inama nobagirira mwokwiyubara abo banya politique babi.

  • Jewe mvuga nti Awa!!None ko bakurikira umunywarumogi vyogenda gute??Jijuke bashahu ntimuhendwe kandi mukuze.Ehe nimwibuke uwo muriko murakurikira akabata no mu manga kandi mutamuyobewe.Il a été sans échec dans les années 90.Il est tueur,Sinduhije sinzi ico mumuronderamwo.Mukaba mushakira ubukiriro muri Alexis,nimuterame bahishe!

  • Jwe murantwenza basha. Ngo. Sinduhije ntiyo bafungura arihe?murabaza neza ko atoba aza yarashitseyoerega kwica canke gufunga kuribo nubuhizi ariko ikiryoshe nuko ibihe turimwo iterambere ryaje ibikogwa nuwubikora vyose vyama vyandikwa bikanabikwa aho bidafudika umunsi numunsi kazonoba vyanka vyakunda .

  • Mega abo bacamanza bigiye he he? Ayomashure nayubusa.we must follow the constitution Mes cher amies.twese twaremwe nimana ntabwo tuba dukwiye gukora uko.nimba biruko mwaravumwe .

  • Hemwe nimba amabarabara vyanse reka turabereka ntakundi arugupfa twafuye twihereza amashamba kandi ndazi uwowese yandika atyoza abafunzwe amenye ko nawe ari umurundi navuge ivyoyishakiye nuburenganzira mbwiwe kandi ntibazodufunga barundi twese twifuza kwikurako akarenganyo

  • Nukuri imisi isigaye nimike aboba DD 2015 bihende bibe amatora barabe ukuntu tubafyeta

  • jewe politique ndayikwirana mugabo ntanumwe azombwira ngonje mwibarabara ngo nemere Kubera nzi ico bivuga gukwira sibibi gusa wirindi imigumuko canke kuvuga nabi .Mugabo mumutima uzi ikiriyo.Sinon mwese bazobafunga pe!!!!

  • Wewe bucumi,mahigwe,bugaboburihabwa,mwebwe murihenda caaane ,ubu igihugu kirimwo abagabo biyemera,bazi igihugu icarico,apana abashingantahe baba shingantahe babicirako incungu yokwikukira,incungu ya Democratie,akaba atanumushingantahe numwe yahagurutse ngo yamiere,ubu rero kirahagarikiwe,mura pima tuzorabe basha.bugaboburihambwa uvuzuti inyandiko,wewe urantwenza,nabishe GWAGASORE na NDADAYE,ntumurabafata kandi bazwi,muga kuko ari abatutsi benewanyu muguma mubakingira ikibaba,none nkubaze?,nka camp muha,aho biciye NDADAYE uwararongoye iyo camp sumututsi?none ntimumuzi?,ako karakarorero gatoya kavuba nguhaye,nimutekereze,mwiteho imirimo ibateza imbere,ivyi ntambara mukure mumitwe yanyu.mureke kwigira intunva.mugakora amaraso azobatarukirako,ntimwihende rero.

  • utera ibuye ugaramye wajya guhaguruka rikagusanga aho uri rikakwanura

  • Ibi bintu ntacizere bitanga kubasanzwe bibazako Uburundi haraho bwavuye kandi bwoba bufise iyo bwerekeje!!

    N’ukuri Umukuru w’igihugu n’abamwegereye barabe neza iki kinogo bariko barimba, mbega nk’aba bashikirizamanza ny’abacamanza batangurira ku gihano co gupfunga abantu bangana uku ubuzima bwabo bwose!! Haraho boba bakiri mu mubiri ngo biyumvire igihe boba aribo? Sinshigikiye abagumutsi biragatsindwa; ariko kandi harakwiye kwibukwako n’ico gipolisi n’abategetsi baco babaye gukingiranira bagari bagororotse; Mbese abatama babo subo batekuje igihugu uhereye za 65, 72,88,91,93 bakaniga umukuru s’igihugu yatowe, abandi ngo; bagiye kubikosora bakaririka bene Burundi mu maj’epfo no mu Burengero, uri za Buta, Bugendana bamwe bakica n’ababahungiyeko za Gatumba. Mumbabarires ukuzura akaboze! None uretse Imyanya myiza myiza bahanahanye, abakoze ivyo vyose basabiwe gupfungwa umwanya ungana iki? N’ukuri Iri ahirengeye irabibona, hagowe Imiryango yanyu n’abatazi iyo bitaye umutwe muriko murakwegera! Buca ruhinana abapfunzwe n’ababapfunze bazokanirwa urungana. Ariko uwokwihana akihanura Uw’iteka adusigasiga twanduye yomugarukira. Ndababaye.

  • Abatwara ubucamanzanabo bacamanza bonyene bateye isoni ,uwagize ihonyabwoko mugihugu c’urwandaubu akaba ari muri FRANCE aheruka gusabirwagufungwa imyaka 25 na sentare yico gihugu uwugize imyiyerekano acitse kumasasu yigipolice akatirwa uwo guherayo none uwo gira ihonyabwoko yohabwa igihano ikihe ngaho mu Burundi ?

  • hari hageze ko abarundi twumvikana mana aho twacaniyemwo imyaka nimyaka ntaco twashitseko namba ehe nidusubire kuhindukirira umukama nawe adufase.

  • manawe;;aba dd baribagiwiyobavuye kweri ntawarazi kobokoze nkivyobariko bakora nabandi barabaretse barbaho nibarekabandi hakuvuganabi wofumurrubusa NKURUNZIZA kwaduka imbere ya mamakungu ngo ipolisi ngocakoze neza?intwaro zirahinduka ejo bazebamukorere neza nkuko;;;imanimubabarire kandarumuntasenga nibareke gukwegishavu ryimana bamamuma sinagoga baragowe peeeeeeeeeeeee

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.