IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abafatiwe kwa Nyakabeto bitavye ubutungane bakigandariye mugenzi wabo (...)

Abafatiwe kwa Nyakabeto bitavye ubutungane bakigandariye mugenzi wabo yapfuye

mercredi 9 Ndamukiza 2014

Urwaruka rwafatiwe ku rugo rwa Nyakabeto Justin mu Ngagara rwitavye ubutungane ku ncuro ya kabiri muri sentare isubiramwo imanza, ku rubanza bunguruje inyuma yaho urwa mbere ruciriwe muri sentare ikukira Mairie ya Bujumbura. Ababuranira urwo rwaruka basaba sentare ko yoreka gukorera ku mwikeko.

Sentare nkuru ikukira Mairie ya Bujumbura yaraciriye urubanza urwaruka 19 rwagirizwa ikiroberi, ugutuka umukuru w’umurwi CNTB, hamwe n’ugutera amabuye abaporisi. Urwo rwaruka rwari rwafashwe igihe umurwi CNTB wari wagiye gusohora ku nguvu Nyakabeto Justin mu nzu iri mu Ngagara. Urwo rwaruka rwaciriwe umunyororo w’imyaka itatu, hamwe n’amande y’ibihumbi mirongo itandatu. Ababuranira urwo rwaruka barunguruje urubanza, incuro ya mbere ntirwumvirizwa, baca bahabwa isango yo kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2014.

Nk’igihe c’isaha zine kuri uwu wa gatatu, niho imodoka ivanye urwo rwaruka mw’ibohero rikuru rya Mpimba aho bapfungiwe yashika, bose uko ari cumi n’umunani bakaba bari bitavye intahe, kiretse umwe gusa, Bienvenu Busuguru aheruka kwitaba Imana mw’ibohero rikuru rya Mpimba, bikavugwa ko yankiwe kuja kwivuza indwara y’igituntu yari yamufatiye muri iryo bohero. Urwo rwaruka rwose rwari rwambaye bimwe bita "ipiri", kugira bagaragaze ko bakigandariye mugenzi wabo aheruka gusezera isi kubera ubuyobozi bw’ibohero rikuru rya Mpimba bwamwimye uruhusha rwo kuguma mu bitaro avugwa iyo ndwara y’igituntu yahavuye imuhitana inyuma y’iminsi ine gusa akuwe mu bitaro.

JPEG - 60.1 ko
Bienvenu Busuguru yahitanwe n’indwara y’igituntu yanduriye mw’ibohero rikuru rya Mpimba

Umushingwamanza Amedé Nzobarinda, umwe mubaburanira urwo rwaruka amenyesha ko batemera ivyagiriji vy’umushikirizamanza, kuko yagiriza urwo rwaruka imigumuko, ariko ntiyerekane ingene bagumutse, uko vyari bitunganije, hamwe n’ababitunganije. Kubw’umushingwamanza Amedé Nzobarinda, ubutungane ntibushbora gukorera ku mwikeko, canke ku mabwire, ivyo akabivuga yisunze ko benshi muri urwo rwaruka bafashwe bariko bararengana, abandi bagafatwa bari kw’irembo imbere y’aho baba, mbere hakaba harimwo n’abakozi bo mu nzu, hamwe na bamwe muri urwo rwaruka bafashwe bari ku mihana iwabo.

JPEG - 1 Mo
Umushingwamanza Amedé Nzobarinda, umwe mubaburanira urwo rwaruka

Urwo rubanza ntirwabaye rukiburanishwa kuri uwu wa gatatu, kuko sentare isubiramwo imanza yavuze ko rukwiye kwumvirizwa rwo nyene rutari kumwe n’izindi manza. Barwungururije kw’igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2014, ababuranira urwo rwaruka rwafatiwe kwa Nyakabeto Justin bagasaba ubutungane butokoreshwa n’abashaka gushira imvo za poritike muri urwo rubanza

JPEG - 1.1 Mo
Urwo rwaruka rwose rwari rwambaye bimwe bita "ipiri", kugira bagaragaze ko bakigandariye mugenzi wabo aheruka gusezera isi

Egide Nduwimana

Messages

  • nihatari da!vyose bigumye nk’umutwe wa zidane.

  • Nibabe bareka gukurikira nyabahururu.ngira bazofungugwa bamaze gusubiza ubwenge kugihe,bibaza kwari bimwe vyakera,aho bigira nkivyinda yigira mwibutura,inyuma yimyaka 3 bazoba baciye akenge,batacihutira gukurikira ubwije.

  • Nimwigumye agasho kajamwo abagabo.imbwa zimisega ntaho zaciriwe urubaza kuko nugukuga ntizikuga? Mwebwe mwarakuze munyuma ho muzory?a nico gituma babatinye komera ncuti

  • Aba bana bariko baratotezwa babagirira nabi, ejo aho bukera ntihagire uwuzorira ngo habaye rebellion urbaine i bujumbura. Muzobe muraba ko bamwe mutazorara musi y’igitanda. Ndabarahiye.

  • ubundi turamenyeye ko arigihugu ca karenganyo nta democracy kigira

  • NWARI nagira ngukebure nkubwira kwabo Atari ABAGABO,abo nugwaruka gwabagumutsi,(ABAGUMUTSI )apana ABAGABO!!.reka nkwibutse kw,ABAGABO bari muri CNDD-FDD honyene,ntahandi rero uvyunve.philbert newe mugenzi wanje iyo ntambara wise rebellion urbaine yi Bujumbura,turayirindiriye kugira tubateshe abobagumutsi,kandi namba nawewe urimwo tuzobakosora bimwe vyiza vyabantu,nukuri ndakubariye!!.nimuje kukivi mufat,isuka murime,murye utwo mwabiriye akuya,ntavyo gusahura mukironka,kuko benevyo barahoshize ababicungera,nimwagotwa muzica ninzara,mwishinga kuboroga conyene.

  • RUTOVu ibwa ziravuka wewe naho umuntu agutuka ntumuva inyuma ok ukeneye ko tuganira .uti abagabo bari muri DD gusa nimwebwe mufise amavya mwenyene? uti intambara nimwebwe muyi shoboye mwenyene haaaah%iiiiii UWUTARABUROGWA ANGIRA NGO NOBUNYA

  • sha har’akagore gafis’ubuso umengo ni mujeri kaguma gata mumunyororo abataco bazira.koshaka kobihagarika kuko burakey tuvyerek’abagabo...mwihangane ncuti...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.