Accueil > Amagara y’abantu > Abaforoma bahagaritse akazi mu gihugu cose
Abaforoma bahagaritse akazi mu gihugu cose
lundi 3 Kigarama 2012
Abaforoma n’abaforomakazi bahurikiye muri sendika SYNAPA bahagaritse akazi mu gihugu cose. Basaba kuronswa uturusho ku mishahara turi mu masezerano SYNAPA yagiranye na reta mu mwaka w’2009. Abarwayi ntibagira ayo bacira n’ayo bamira.
Abagwayi batari bake bari baje kwivuza ku bitaro Prince Regent Charles mu gisagara ca Bujumbura, ari navyo bisanzwe vyakira abantu benshi harimwo abavuye hagati mu gihugu, bari bajumarariwe mu gatondo ko kuri uyu wa mbere italike 3 ukwezi kwa Munyonyo. Harimwo abagore, abana n’abatama. Babuze uwubakira kuko abaforoma n’abaforomakazi bose bahurikiye muri sendika SYNAPA bahagaritse akazi mu kiringo kitazwi aho kizoherera . Abantu baremvye cane gusa nibo bakirwa kuko SYNAPA yemeye gukora ibikorwa bibayabaye ico bita service minimum.
Uko niko vyari vyifashe no ku bindi bitaro nka CHUK, Clinique Prince Louis Rwagasore n’ahandi. Hagati mu gihugu kwari nk’uko. Mu ntara ya Ngozi ku bitaro vyigenga hategerezwa gutonda abaforoma 60 kuri uyu wa mbere ariko nta numwe yakoze, bari biyicariye hanze bavugana ingene bazokwifata mu kiringo yegereyegere izomara. Aho i Ngozi, abagwayi 7 bari baje kwitura muganga basubiye inyuma batavuwe muri bo harimwo abana. Uwurongoye igisata c’ingwara kuri ivyo bitaro amenyesha ko hakirwa abantu baremvye gusa hamwe n’abakenyezi baje kwibaruka.
Ku bitaro bikuru vy’intara ya Bururi naho nyene abaforoma ntaco bahereje imimnwe kiretse kwicara hanze batera rya renga ataco binona. Naho, hakirwa abagwayi baremvye, abandi nabo basubiye inyuma batavuwe. Ubuyobozi bw’ivyo bitaro buvuga ko hategekanijwe umuforoma umwe gusa mu gisata cose c’abagwayi yakira indembe ariko ngo ntibikwiye.
No mu ntara ya Gitega, abaforoma bahagaritse imirimo. Muri iyo ntara hoho, amakuru dukurayo avuga ko hari abarongoye ibitaro batanguye gutera ubwoba abaforoma bahagaritse akazi kobashobora kugira ingorane.
Uwurongoye sendika SYNAPA mu gihugu cose yamenyesheje ko icatumye bahagarika akazi ari uko reta ibandanya guhonyanga amasezerano bagiranye mu mwaka w’2009. Melance Hakizimana avuga ko muri ayo masezerano reta yari yemeye guha uturusho ku mishahara abaforoma ariko gushika n’ubu ngo nta kirakorwa.’’Ntidushobora kwemera ko reta ihonyanga amasezerano tubona hanyuma tukaguma twiyicariye’’,uko niko yabisiguye.
Ikindi catumye sendika SYNAPA ihagarika akazi nk’uko Melance Hakizimana abandanya abimenyesha ngo ni politike yo kunganisha imishahara y’abakozi ba reta iriko ikorwa nabi.’’Hamwe vyogenda nk’uko reta yabiteguye, twebwe abaforoma twosanga hariho uturusho tuvuyeko ku mishahara yacu kandi amategeko abiturekurira, ntidushobora kwemera ko reta itunyaga turorera, oya’’.
Uwo mugambi wo kunganisha imishahara utegekanya ko abafise imishahara mininimini bakwa uturusho bahora baronka ku mwaka ku mwaka hanyuma ayo mafaranga agaca ahabwa abafise imishahara mitomito nk’uko umushikiranganji w’abakozi ba reta yabisiguye.
Ama sendika yose y’abakozi yaravyiyamirije, avuga ko ataho vyabonetse ko umukozi areka gushimirwa iyo yakoze neza umwaka uheze.
Gushika ubu reta canke ubushikiranganji bw’amagara y’abantu ntaco burashikiriza kuri yegereyegere y’abaforoma yatanguye kuri uyu wa mbere italike 3 ukwezi kwa Munyonyo mu gihugu cose. Abagwayi bobo basaba reta gutorera umuti co kibazo kuko amagara yabo aguma asinzikara abandi nabo bakahasiga ubuzima.abandi bagize ingorane kubera iryo hagarikwa ry’akazi ni abanyeshure bimenyereza kuvura kuko baciye basubira muhira batize.
Nta kwezi kwari bwahere, abaforoma co kimwe n’abandi bakozi bo ku bitaro bitandukanye bari bahagaritse akazi basaba reta gutanga amafaranga y’imiti ihabwa abakenyezi bibaruka ku buntu n’abana batarakwiza imyaka itanu bavugwa ku buntu kbera ingingo y’umukuru w’igihugu. Ico gihe, reta yaciye itanga amafaranga arenga imiliariridi 3 z’amarundi gutyo akazi gasubira kubandanya ukuri kwamye.
Pierre Claver Niyonkuru