Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abaforoma bahurikiye muri sendika SYNAPA baragabisha ko bashobora gusubira (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abaforoma bahurikiye muri sendika SYNAPA baragabisha ko bashobora gusubira (...)

Abaforoma bahurikiye muri sendika SYNAPA baragabisha ko bashobora gusubira guhagarika akazi

lundi 14 Nzero 2013

Ivyo vyamaenyeshejwe na Mélance Hakizimana arongoye iyo sendika ku rwego rw’igihugu. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu w’Imana, uwo arongoye SYNAPA yemeje ko abaforoma bashobora gusubira kugira yegereyegere umwanya uwariwo wose bagahagarika imirimo.

Ikizoba kibitumye ngo n’uko umushikiranaganji w’akazi n’abakozi ba Reta ata gushaka nagutoya afise nk’uko abo baforoma babivuga kwo gutorera umuti ingorane iyo sendika ifise. Abari muri sendika bagiriza umushikiranaganji Annonciata Sendazirasa ko yarahiye akarengwa kubemerera ibiganiro bamusavye. Kandi ngo ikizoshika cose kizoja ku gatwe k’uwo mushikiranganji.

Ibibazo nyamukuru abaforoma bahurikiye muri sendika SYNAPA bashikirije ubushikiranaganji bw’akazi n’abakozi ba Reta harimwo ivyerekeye ukurenganura abakozi ku bijanye n’uturusho dutegerezwa guhabwa abaforoma bakorera ahantu hagoye gushika, gutegekaniriza kazoza abakukurutse hamwe rero n’ivyerekeye umugambi wa Reta wo kunganisha imishahara y’abakozi bayo ; aha abaforoma basaba ko iyo politike y’ugushaka kunganisha imishahara y’abakozi ba Reta yosubirwamwo kuko ku bwabo ngo ntitomoye.

Ivyo navyo sendika SYNAPA ibivuga mugihe hari amakuru avuga ko Reta yiteguriye guca izana abandi baforoma mu gihe abo muri SYNAPA boramuka basubiye guhagarika akazi. Kubwa Mélance Hakizimana arongoye SYNAPA ngo Reta niyaramuka ibikoze bazoyitwarira. Ku bwiwe kandi ngo nta nkeka ko bazotsinda Reta nk’uko vyama bikunda kuba mu manza nyinshi zihuza Reta n’abakozi bayo.

Sendika SYANAPA hari haheze indwi zirenga zibiri gato isubiye ku mirimo inyuma y’izindi zishika kuri zitatu yari imaze yarahagaritse akazi. Igihe abaforoma bo muri SYNAPA basubira ku mirimo bari bavuze ko bashatse kwereka Reta ko bafise ugushaka gutorera umuti w’ibibazo vyabo mu nzira y’ibiganiro.

Ikibazo c’abaforoma bahurikiye muri sendika SYNAPA kiracagoye kuko abashikiranaganji batatu aribo : uw’abakozi ba Reta n’akazi, uw’ikigega ca Reta hamwe n’uwamagara y’abantu n’ukugwanya ikiza ruhonyanganda SIDA ntibigeze bahuza muvyo bashikirije ku bijanye n’ukuntu hotorwa umuti.


Eloge Willy Kaneza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.