Accueil > Amakuru > u Burundi > Abagabo babiri baciriwe umunyororo wo guherayo na sentare nkuru y’i (...)
Abagabo babiri baciriwe umunyororo wo guherayo na sentare nkuru y’i Bubanza
jeudi 7 Ntwarante 2013
Sentare nkuru y’i Bubanza yaraciriye umunyororo wo guherayo abagabo babiri bagirizwa ubwicanyi bwahitanye umukenyezi n’umwana wiwe, ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 5 Ntwarante 2013.
Abo bagabo babiri baciriwe umunyororo wo guherayo na sentare, bagirizwa urupfu rw’umukenyezi n’umwana wiwe.Uwo muvyeyi n’umwana wiwe bakaba bishwe ku munsi w’Imana uheze igenekerezo 3 Ntwarante k’umutumba Zina wo muri komine n’intara ya Bubanza.
Intandaro y’ubwo bwicanyi ikaba ari ingorane z’amatongo, nk’uko ababanyi b’uwo muryango wahuye n’ingorane bavuga.
Abo banyagihugu basaba ko imanza z’ivyaha nk’ivyo zoza ziranyaruka kuko ubwicanyi bufatiye kumatongo buguma bwibonekeza.
Marie Claire Ingabire