Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Abagabo bafise ubwiza bafise intanga"Sperme"zitameze neza cane
Abagabo bafise ubwiza bafise intanga"Sperme"zitameze neza cane
mercredi 10 Nyakanga 2014
Abahinga bagize ivyigwa basanze intanga z’abagabo"sperme" zirutanya ubukomezi bivanye n’uko umugabo asa (apparences physiques). Abagabo baboneka neza bafise intanga zitari nziza cane.
Ivyigwa vy’ubuhinga vyakozwe n’ikinyamakuru "Journal of Evolutionary Biology" bigatangirizwa mu nzu ntangazamakuru "Maison d’edition" yo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika "Huffington Post", basanze inkomezi z’intanga atari zimwe ku bagabo.
Ico cigwa cagizwe ku bukomezi bw’intanga z’abanyeshuri 50 bo k’umugabane wa Buraya, biga muri kaminuza. Inyuma yokwegeranya izo ntanga "spermes", abo bahinga baciye batwara amashusho( Photos) y’abo bahungu, bayereka abagore maze babasaba gutoramwo abo bohitamwo. Benshi muri abo bagore batoye abahungu bafise ishusho nziza. Abo bahinga bamaze kwerekana ivyo bakuye mu cigwa bakoze kuri izo ntanga, basanze abo bahungu bashimwe kubera ubwiza badafise intanga zimeze neza.
Jukka Kekalainen, umwe mu bakoze icigwa avuga ko bwari ubwa mbere bakoze icigwa nk’ico, nta nsiguro zirenze abo bahinga baratanga ariko amatohoza azobandanya akorwa.
Cherif Nkeshimana
Messages
13 Nyakanga 2014, 04:27, par nimpagaritse
none se biva kuki kuba uri mwiza ukaca ugira intanga mbi?
1er Munyonyo 2014, 23:18, par nduwimana eric
Baragira ivyigwa kubagore naho kugira nabo tumenye ingene bimeze.
5 Ndamukiza 2016, 14:07, par AMANI
NANJE NDIMWIZA CANE WABONA ARIKOMEZE