Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Abagabo bakora ibikorwa vyagenewe abagore ntibaba bakirangura amabanga (...)
Abagabo bakora ibikorwa vyagenewe abagore ntibaba bakirangura amabanga yabubatse
mercredi 20 Ruhuhuma 2013
Uko umugabo yitaho ibikorwa vy’abanarugo niko ivyo kurangura amabanga y’abubatse bigabanuka muri we.
Iyo umugabo akora ibikorwa vyo mu rugo nko guteka kuja gusuma n’ibindi bikorwa vy’abakenyezi, niko ugushaka kurangura amabanga y’abubatse bigabanuka ivyo vyemezwa mu kinyamakuru c’imibano co muri amerika.
Bafatiye ku vyigwa vyakozwe vyerekeye ukungana kwibitsina,gufashanya murugo n’ingene amabanga yabubatse akorwa mu bubakanye, vyaragaragaye ko ahubwo iyo umugabo yitwararitse nko gutunganya jardin, imodoka, kuriha ama facture, agakora ivyo abagabo basanzwe bakora ariho agwiza amahirwe yo gushaka kurangura amabanga y’abubatse n’imiburiburi nka 5 ku kwezi.
Ivyo biremezwa kandi na sabino Kornirch umushakashatsi muri kaminuza ya Juan March i Madrid. Ariko ivyo ntibisigura ko umugabo adafasha umugore ahubwo bibaye uko biravyura ukutumvikana ndetse ico wagirango urakijije ugasanga nico wishe ahubwo ni vyiza gufashanya ariko umwe wese agakora ivyo ajejwe mu rugo.
Sylvere Bavumiragiye