Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abagabo batwaza inda abigeme, kimwe mu vyatumye abana baheba kwiga baba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abagabo batwaza inda abigeme, kimwe mu vyatumye abana baheba kwiga baba (...)

Abagabo batwaza inda abigeme, kimwe mu vyatumye abana baheba kwiga baba benshi

samedi 12 Mukakaro 2014

Mu ntara zitandukanye z’Uburundi havugwa igitigiri kinini c’abana baheba amashure. Nka hose, imvo zibituma zikaba ari nka zimwe.

Mu ntara ya Makamba, abanyeshure bo mu mashure mato n’ayisumbuye bagera ku bihumbi icumi, bakaba aribo boba barahevye amashure muri uwu mwaka w’ishure w’2013 ushira uw’2014. Amakomine ya Kibago na Nyanza Lac akaza kw’isonga. Mu ntara ya Karuzi naho, abana bagera ku bihumbi umunani barahevye amashure. Naho nyene ingorane zituma abo banyeshure baheba, ugasanga zifitaniye isano nizo mu ntara ya Makamba.

Ingorane z’ubukene, abagabo batwaza inda abigeme biga, abana b’abahungu baja kwikorera ivyabo, bikaba biri mu bituma muri izo ntara uko ari zibiri, abanyeshure baheba ari benshi. Mukamenya ko mu ntara zimwe zimwe, bahevye barashiraho umugambi wo kugaburira abanyeshure ku mashure, kugira abaheba amashure kubera kigoyi babe bagabanuke.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.