Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abagendana ubumuga baracafise ingorane yo gukumirwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abagendana ubumuga baracafise ingorane yo gukumirwa

Abagendana ubumuga baracafise ingorane yo gukumirwa

jeudi 11 Nyakanga 2014

Abagendana ubumuga akenshi barahura n’ingorane zitari nke mu bisata bitandukanye vy’ubuzima yaba mu buzi, mu mashure, mu kibano n’ahandi. Ivyo ni ivyashikirijwe mu ruganda rwo guhimiriza ubushikiranganji butandukanye ku vyerekeye gushiraho amaporitike idakumira abo bagendana ubumuga.

Bafadikanije n’ishirahamnwe mpuzamakungu "Handicap International", urunani rw’amashirahamwe ahurikiyemwo abagendana ubumuga, yaratunganije kuri uno wa gatatu, igenekerezo rya 10 Nyakanga, uruganda rwo guhimiriza ubushikiranganji butandukanye ku vyerekeye gushiramwo mu migambi hamwe no muma poritike y’iterambere n’ibijanye n’abagendana ubumuga.

N’aho basanzwe bashirwa mu gitigiri c’abantu batorohewe co kimwe n’abandi "Les personnes vulnérables", nk’uko biri no muri wa mugambi ugira kabiri wo kurwanya ubukene "CSLP 2 (Cadre Stratégique de Lutte contre la Pauvreté), ikibazo c’abagendana ubumuga gisa n’ikitigeze gishirwa muma poritike ajanye no gukingira abakozi (protection sociale) hamwe no mu yindi migambi y’iterambere.

Ntawutazi ko mu migambi y’iterambere yose ihera ku kudakumirana, n’abagendana ubumuga bagashirwamwo hamwe no kwubahiriza uburenganzira bwabo mu kibano.
Ivyo rero bishobora kuzanira uturyo tutari duke abo bagendana ubumuga. Ku bw’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bwo gushigikirana agateka ka muntu n’igitsina, Godeliève Nininahazwe, abagendana ubumuga bari mu bantu bakunda guhura n’ikumirwa mu bisata bitandukanye yaba mu kazi, mu mashure, hamwe no mu gisata c’amagara y’abantu.

Kubera ivyo, ibikorwa bitandukanye vyarakozwe na Reta y’Uburundi, aha twovuga incanco zihabwa abakenyezi bibungenze hamwe n’abana, hamwe n’ingingo iheruka gufatwa yo kureka abana nabo bafise ubumuga bwo kutabona nabo, bahawe uburenganzira bwo gukora ikibazo ca "Concours national’’.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.