IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abagendesha imiduga banyoye inzoga bagabishijwe

Abagendesha imiduga banyoye inzoga bagabishijwe

mercredi 24 Kigarama 2014

Reta y’Uburundi iributsa ko kizira ko umuntu atwara imodoka yaborewe, ari naco gituma bagabisha ko muri iyi minsi mikuru hazokoreshwa ubuhinga bwitwa "Alcootest" mu kumenya abazoba bariko bagendesha imodoka banyoye inzoga. Abazofatwa bagabishijwe ko bazohanwa hisunzwe amategeko.

Muri iki kiringo abarundi bariko bitegurira iminsi mikuru y’ugusozera umwaka hamwe n’uguhimbaza umunsi mukuru wa Noweri, Reta y’Uburundi imenyesha ko yamaze gufata ingingo zose zikenewe zo gutsimbataza umutekano mu gihugu cose, cane cane mu gisagara ca Bujumbura. Muri izo ngingo zafashwe, Reta y’Uburundi iragabisha abantu batwara imiduga banyoye inzoga, ikabibutsa ko kizira ko umuntu agendesha imodoka yaborewe. Ubuhinga bwitwa "Alcootest" bukaba buzokoreshwa mu ntumbero yo kumenya abazoba bariko bagendesha imodoka banyoye inzoga. Abazofatwa bagabishijwe ko bazohanwa hisunzwe amategeko, imiduga canke amapikipiki yabo zifatwe n’igiporisi kibijejwe, aho zihagaritswe harihwe na benezo. Mw’itangazo Reta y’Uburundi yasohoye bavuga bari : "Ariko kandi, Reta isavye abashingantahe n’abapfasoni ko bokwirinda gupakira abo bubakanye n’ibibondo vyabo mu miduga igendeshwa n’abantu banyoye inzoga."

JPEG - 26 ko
Firipo Nzobonariba, umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta y’Uburundi

Abanyonga ibikwegana canke vya biduga binini bitwara ibidandazwa (remorques, engins et poids lourds) bibukijwe ko bibujijwe kuvyinjiza hagati mu gisagara ca Bujumbura. Abunguruza abantu ku makinga no ku mapikipiki nabo nyene bibukijwe ko kizira kikaziririzwa kurengana ibibanza n’amabarabara bumvikanye na Reta. Abagendesha amakinga n’amapikipiki bakaba basubiriye kwibutswa ko batarekuriwe kuyatembereza inyuma y’isaha cumi na zibiri z’umugoroba (18heures)


Egide Nduwimana

Messages

  • Gutwara umuga, ipikipiki, canke i basikeli wanyore ibiborera ni ugushira ubuzima bwawe n’ubwabandi mukaga. Ahandi kw’isi abatwara ivyo vyuma banyoye ibiborera ntibagabishwa ahubwo baratuzwa, kuko ari caha gikomeye cane( crime).

  • mpejeje kubona aho ha hora isoko nkuru ya Bujumbura abapolisi bakubita bimwe biteye ubwoba nagahinda abagore barikobariyungunganya ,basheshe irya ,ivyobari bashoye vyose bongera barabihonyora .

    nibabaronderere aho baja bareke kubakubita ,no kubiba erega intwaro ya CNDD FDD Harageze ko intanga imihoho vyayinaniye peeeeeeeeeeeeeeeeee..........

  • Bantu mwese mutunze imiduga na canecane abatunze imiduga yunguruza abantu n,ibintu nimuze tuve hasi twivuye inyuma twiyamirize reta y,uburundi kano gacinyizo iducinyiza. Iyo umushoferi wacu basanze yanyweye ariko kukazi ,nibamuhane banamuhane no mugasho kandi aveyo atanze amande yose yaciwe.twebwe twavunitse tugura imodoka ntakosa narimwe tuba twakoze kubijanye nakaborerwe kabashoferi.iyo muduciye amande muba muturenganije. Ikosa niry,umushoferi. Guco muzoba mukingiye umwuga wacu be n,uwabagenzi. Namwe bashoferi hariho igihe kizogera mubure akazi kuko ntimutwitwaroko neza ibintu biriko burahinduka.reta nayo nivugurure amategeko ya transportation.

  • Kurivyovyabobagore nubwobibabaje birazwi Ko intabarirwa yabwiwe nuko amaso atukuye, kandi agasozikintahanurwa kahiye abagabobabona. Ivyorero ntabobitandukaniye nuwuzonyw’inzoga akaborerwa kandaza gutwaza umuduga kandi vyabujijwe Ko atamuntuyemerewe gutwaza imodoka yaborewe, erega nubwaba polisi batogufata igitigishobora kugufata mugihe ugisekuyeko iyomodoka! Kand’icog’iticoco ntikibabarira kirakwica kikongere kikica nabarimwobose nimodoka bagakuraho bajaguta! Ndababeirako kumbira canke guhanurwa ukumva nikintucizacane. Harumugabo abasuma baribararembeje bamwiba bakoresheje gupikura ikibuye kinini kurugi,munyumayigirinama yogushirako icugi civyuma (ferabeton) babasuma ngo kwibuyeryacu ntudukangishe inzugizivyuma, baraje bazanacakibuye kirimwigunira batangura kudeya bapikura kurugi ubwambere ngo piku! Ubwakabiri ngopiku! Ubwagatatu kubera igunira ryariryagapikuye kuvyumavyurugi bisyega iryogunira ryabuye ryavuyemwo ryikubita kukaguru kumwe karajanjagurika abandi batungwanayobameze, murumvarero kutumva ukabarwumiyeko ingaruka zirateba mugukoramakosha ingaruka zizogushikira zibazizoba zibi.

  • Nama mbona Philippe kuri comptoir ya Hotel Meridien mu ma 17h. Anywa ibi rufuku bibiri agasomeza n’ikaranga za gusa. Bomushirako alcotest ntagisivya yokwama kuko taux ya 0.08 ishikirwa umuntu anyoye ikiyeri kimwe gusa. Mbe nta mupolisi yomudufatira ga ntu?

  • Umuntuwese yemerewe kuzinywa washaka akaborerwa ariko akirinda kucatwara imodoka ngicikindi abobategetsi badusumvya.

  • MBEGA AHO AVUGA IMBERE YOGUTOSORA ICATSI MU JISHO RYA MUGENZAWE BANZA UKUR URUGIGA MUJISHO IWAWE

    MBE NZOBONARIBA SHA ? WEWE NTIWARIKO UTWARA UMUDUGA UHEJEJE KUNWA !!!INSONGO??KOBATAGUFASHE NI BAHERE KURI ABO BAGABO NYENE BARUCIRA ABANDI NABO BATAHEVYE.

  • abo batama nikobameze inzoga bazigize umugenzi abategetsi bubu ntibaciyubaha nagato basigaye bagenda baratemba mwi barabara ni bara ikebuke

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.