IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > “Abagendesha imiduga n’impunzi baracari intambamyi mu kurwanya (...)

“Abagendesha imiduga n’impunzi baracari intambamyi mu kurwanya Sida”

mardi 9 Ndamukiza 2013

Abaserukira ibihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini bigize urunani rwo kurwaniriza hamwe umugera wa Sida arivyo Uburundi, Repubulika iharanira demokarasi ya Congo, Tanzaniya, Kenya, Urwanda, Ouganda, bari mu nama, i Bujumbura, kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2013.

Umunyamabanga mpuzabikorwa w’urwo runani, muganga Eugène Rurangwa avuga ko naho ama Leta y’ibihugu bigize urwo runani adahengeshanya gukora ibishoboka ngo atuze ikiza ca Sida hakiri imirwi y’abantu bakibandanya gukwiragiza imigera ya Sida mu karere k’ibiyaga binini. Atanga akarorero k’abagendesha imiduga itwara ibidandazwa hamwe n’impunzi z’intambara.

Muganga Eugène Rurangwa amenyesha ko n’abahora bafasha mu buryo bwo kurwanya Sida badebukiwe kuko basigaye bagereranya iyo ndwara nk’iyitihutirwa, ari naco gituma bakoranye kugira bigire hamwe ingingo nshasha zofatwa.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.