Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Inyuma y’aho agiriraniye ubucuti n’intambwe, yasohoye amasanamu (video) (...)
Inyuma y’aho agiriraniye ubucuti n’intambwe, yasohoye amasanamu (video) y’urukino nazo
jeudi 15 Rusama 2014
Hari abantu bafise ubuhinga butangaje bwo kugirana ubugenzi n’ibikoko bikaze cane, nk’intambwe. Umugabo wo muri Afrika y’Epfo afise impano yo kumenya kuvugisha intambwe zo mw’ishamba. Ubu hoho yakinye umupira n’intambwe zitatu.
- Kevin Richardson yibereye kumwe n’intambwe
Kevin Richardson aba mu gihugu ca Afrika y’epfo, n’umuhinga yize ibijanye n’ibikoko(Zoologie). Uwo mugabo amaze gutorwa nk’umuntu wa mbere afitaniye ubugenzi n’ibikoko bikaze vyo mu mashamba(savane yo muri Afrika y’epfo).
Akabirya, Kevin Richardson yakinye umupira n’intambwe 3 ataco yinona.
Raba aha munsi isanamu (video)Kevin ariko akina n’intambwe umupira, basigaye bamutazira "intambwe muntu"(Lion Man).
Irabire aha munsi Kevin ariko akina n’intambwe
Chérif Nkeshimana
Messages
15 Rusama 2014, 21:34, par aaaaaa
Hahahahahaha...,nihatari ivyisi!
23 Rusama 2014, 11:40, par Remesha remy
Hahaa!!! Uwo munyafrica yepfo nimba ari umurozi ingene tuzi cagwa tumva intabwe ikaze kandi utunzwe n’inyama tena ikazikunda kubi,kweli ikamufyera ikamugisha.!!!!!!!!!!!!!!!!