IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gabriel Nizigama: ’’Abazokwatsa umuriro bazowota ubwa mbere’’

Gabriel Nizigama: ’’Abazokwatsa umuriro bazowota ubwa mbere’’

mardi 21 Ndamukiza 2015

Abagira imyiyerekano badakurikije amategeko, ntibazokwihanganirwa, nk’uko vyavugiwe mu kiganiro cahuje abarongoye ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, ubw’umutekano wabanyagihugu, ubwo kwivuna abansi hamwe n’ubw’ubutungane.

Gaburiyeri Nizigama arongoye ubushikiranganji bw'umutekano

Muri ico kiganiro, Gaburiyeri Nizigama arongoye ubushikiranganji bw’umutekano, akavuga ko hari amajambo aca ivutu amaze iminsi akoreshwa, ko hamwe umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yohirahira akitoza ubugira gatatu, umuriro uzoca waka. Aho Nizigama akavuga nawe ko, uwuzatsa umuriro azowota ubwa mbere, kuko inzego z’umutekano avuga ko zifatanye mu nda.

Muri ico kiganiro nyene, Gaburiyeri Nizigama akaba agabisha, abayijamwo b’abanyacubahiro basanzwe barahawe abaporisi babacungereye umutekano, aho avuga ko abo, bitwaza abaporisi mu gutera imigumuko mu banyagihugu, ko bazoca babakwa.

Mukamenya ko, abatavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi, abari mu muri uyo mugambwe CNDD FDD ariko batemera ico kiringo hamwe n’amashirahamwe atandukanye ari mu rugamba rwo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu, bavuga ko batageza kwemera ko Petero Nkurunziza yitoreza ikindi kiringo kigira gatatu, aho bamenyesha ko bazihereza amabarabara.

Muri iyi minsi, ariko hakaba habaye imyiyerekano y’imigambwe imwe imwe hamwe n’abo bari muri CNDD FDD ariko batemera ico kiringo, aho abagera kuri 65 bafashwe barapfungwa, mu banyagihugu batobato bafashwe bakekwa ko bari muri yo.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ndashigikiye iryo jambo ry’Umushirangaji ajejwe umutekano. Ntamunyacubahiro yoja mwibarabara mumigumuko arenga amategeko kandi ariwewe ajejwe kuyiga no kuyatora. Amashirahamwe yigenga bishoboka gute ko aja kwiyamiriza Umukuru w’Igihugu ko atokwitoza yifadikanije n’imigambwe ikina politike kandi ayo Amashirahamwe atanyungu za politike aharanira! Barazoyafuta abe imigambwe kuko Intumbero bari bafise bakiyashinga yarahindutse. Biraboneka ko arabanyepolitike gushinga amashirahamwe kwabaye kwinyegeza kugira bakine politike atankomanzi. Nico gituma amafaranga bakoresha bayahabwa nabamwe mubazungu bimiryango yabo baterekwa ubutegetsi butangwa na Abenegihugu. Imfashanyo bahabwa Abanyagihugu turakwiye kuyamenya uko angana nico bayakoresheje . Tugasaba ko atamfashanyo ihabwa amashirahamwe yosubira kwinjira mw’Ishirahamwe idacishijwe muri Bank nkuru y’Igihugu.

  • Ndagushigikiye wewe baravugango Nkurunziza yitoje ngobazocabaca umuriro, tuzowubazimirizako, canke dushobora kugumatwibaza ngonuyundimuriro udasanzwe kumbe baramaze kuwaca! Jewe ndevye ibihuhabakoresha bigatuma nabantu bahunga jewe ndabona dukwiye gutangura kubabuza gukoneza ivyobihiha, ahohakuryanaho mu Rwanda HCR yaho bamazekubona Ko ubukene bubagamiye abarundi basigaye bazana imodika za HCR kumupaka wu Burundi nu Rwanda bategereje abarundi bambuka ngobabatware mumakambi bugururiye ngwabarundi ngobahunga intambara irinwo irabicabigacika mu Burundi! Ndababwirako u Rwanda ibinturukoze ntanahamwe kw’Isi igihugu nakimwe caribwabikorere igihugu kibanyi!!!

  • Kuvyo Ukuri,nta Murundi Azi Iyo Igihugu Cavuye Yoba Agihendwa Ngo"Nyokuru Ni Umugore".Ubwo Rero Birababaje Kubona Hakiri Abarundi Na Cane Cane Urwaruka Boba Bagihendwa Ngo Basukwe Mu Mabarabara Bitumwe N’abanye Politique Bamwe Bamwe Hamwe N’abiyita Ngo Bari Muri Société Civile,bakabikora Kucitwazo C’ikiringo C’umukuru W’igihugu.Abarundi Rero Ntibagihendwa!

  • @nuwera
    si ubwa mbere abarundi baja mu rwanda,inkotanyi zigifata ubutegetsi birutseyo,bagarutse batumva batabona n’abanyarwanda benshi bahinze bagaruka i burundi ,n’ubu reka akanyaro kazohera,ntawuzi ivyo twaciyemwo ,umwansi azomaramara n’izo mpunzi zireke gato,ivyo biduga murabe ko reellement ari ivya HCR,muri congo ni vyo vyatwara inkoho z’abanyamurenge;muhakanurire

  • Aho kuba umutegetsi nkawe noja kurima umwonga. Abo muri 93 bari ama bolo ehe raba ingene yigize umuntu akaze cane umenga yaruta Ndadaye canke Ntaryamira

  • Burya iguhugu kirimwo abagabo.0gabriel nizigama ivyavuga birumvikana kuko imyigaragamvyo iyariyo yos irafis amategeko ayigenga.twirindi kuryama hama tuvyuke twiyumvira uja mwibaraba

  • IGIHUGU SI CANA NYAKUBAHWA MUSHIKIRANGANJI NA JEWE NDASHIGIKIYE KO ABAZOGUMUKA TUZOBACUVYA VYANKA VYAKUNDA.
    KUKO IVYO NTIDUSHOBORA KUVYEMERA KO ABANU BIGIRA AKADASHOBOKA.NI GUKUBITA MU MUTWE!!!!!!!

  • @ Vuganeza ,

    Ivyo mu Rwanda n’Uburundi ntibisa sha. Gwanira amahoro, hama urindire kubera ibihe biha ibindi.

  • Ahubwo iyo bakubita ivyo bihutu vyabagumuye,bakabiha inkoni zumvikana,none ko vyatashe ataco vyumvise ni yo manyama,ariko vyose ni ikosa rya peter,yumvira imana cane,arubaha,ico hanshikana jewe ndaziko ata muntu yogumura abantu ku minsi y’akazi ngo agende uko hanyuma imanza mpuzamakungu zikazobimbaza ,c’est qoui?Nico kimwe aho abatutsi bari ntubura ico wagirizwa!

  • @vuganeza et nuwera mwebwe izorya muriko murarya zishobora kubahagamama?/???? raba neza<<<<<<<<<?????? muti gute , babza mubaze banyoko ko nabenewanyu ko bamerewe ??? benenyoko ??? baso??? basege >>>>>??? banyuaaa// <<<>>>>>????:::::::: bakuzi babarundi nuburundi hagararaneza nkuyo yavuze gutyo mumusezerere imana imwakire bibuze mukasaga afise iguvu rondera uwundi muti ntimukareke umuntu numwe ngwababagendere kumutwe kuko afise inkoho namwe murashobora kuzikoresha komera ncuti zuburundi

  • @turugwane,giturubuzi,aho nta gishasha utuzaniye,abatutsi turaziko bafise inkoho bujuje,ahubwo abahutu ni bo bakwiye guhagarara bwuma ntibahwikirwe nkuko vyamye nka kera,ahubwo avec un peu de recul nibazako natwe dukwiye kwiga inkoho nkamwe tukama tugavye,

  • Ndasavye umupolisi wese yoba ategera neza icitwa éthique policiere yigishe uyo mushikirangaji ingene bambara ikofero (beret). Nama mbona ayambara ukutariko kandi ahandi naho ndamutahura kuko mw’ishamba nta cigwa nk’ico kibayo. Anyway, @vuganeza, niwaba wabuze ivyo uvuga ntuzosubire kumaramarira kw’izina "ABATUTSI"! urazi igituma? Mwagiye mw’ishamba ngo mugiye guhabuza ubwoko bw’abahutu, muraniga, murica, mufata ku nguvu, muturira abo batutsi nyene. mwatwaye igihugu mubandanya mwidoga, kandi arimwe mutwara; ubu intwaro irabananiye, igihugu mwaratabagaje mwakigize iyondoyondo, ubutungane ntibukora; ubukene bwarabaye ndanse, amasoko mwaraturiye, ibigega vy’igihugu mwarogeje, ....eka amabi yose. None ndakubaze : muri ivyo vyooooooooooose, Abatutsi ubona babigizemwo uruhara ??? Pfe neza, vyababuriye!

  • @Nuwera. Rwanda has done nothing wrong by receiving and giving shelter to men, women and children refugees from Burundi according to international laws. By receiving them Rwanda is just doing a humanitarian obligation because we know what is genocide and who are the victims. Rwanda will never stand by when a certain category of your people is facing extermination, be assured of that. Kindly stop confusing those we are ignorant, UNHCR uses trucks with UN LOGO and the Government of Rwanda is not in charge of UNHCR transport and logistics arrangements. on the issue of Congo, ask experts in the field of military mighty and intervention of RDF in congo in that time, you will be surprised.

  • @ Vuganeza

    Wakitumva we!! Abantu buzuye amacakubiri nkawe ntibaramba! Mbega ushaka uburundi bumere nk’ivyiyumviro vyawe? Nashaka ndakuvunire akagohe; Ivyo vyiyumviro vyawe abahutu bose ntavyo dushigikiye! Twebwe tuzogwanira igihugu gitahwa na bose. hanyuma ntituzoruhuka abantu nka wewe tutabatujije mugihugu. Mkombozi ati amacakubiri n’ingeso. Umurundi nawe ati agatoki kamenyereye gukomba kama gahese. Gerageza kubiba ayo macakubiri, ariko ndakwemereye ko ivyo vyiyumviro vywawe mwe na NUWERA, na NDUWIMANA bitazoshika kure. Mbere ushima, kugeza mukwa 12 kwuyu mwaka, tuzoba twahinduye ibintu. Ivyo vyiyumviro vyintwaro yinguvu biherana n’uyu mwaka. Mushaka muzogume hafi hanyuma mumbeshuze!!! Wait and you shall see! Kandi ndi Umuhutu akunda igihugu! Ntidushaka intwaro nkiyo mu Rwanda. Tuzogwanira ihinduka, tugombe turizire. Ariko Gushika mukwa 12, tuzoba turi kuyaga kubijanye n’ukuntu igihugu twocubaka. Ikibazo ca NKURUNZIZA hamwe n’abantu nka mwebwe kizoba camaze gukemugwa. Iki gihugu kirimwo abagabo ntimwibeshe.

  • Reta nireke kwiteza utunyone ireke abanyagihugu berekane akababaro bafise

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.