IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abagirizwa gushaka gtembagaza ubutegetsi basubiye kurenguka

Abagirizwa gushaka gtembagaza ubutegetsi basubiye kurenguka

mercredi 23 Kigarama 2015

Abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015,barengutse ku ncuro ya kane imbere ya Sentare ishashe mu ntara ya Gitega kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 23 Kigarama 2015.

Mu barengutse harimwo Gen Cyrille Ndayirukiye afatwa nk’icegera c’uwari arongoye umugwi washatse gutembagaza ubutegetsi, Gen Godefroid Niyombare.

General Cyrille Ndayirukiye yavuze ko yemera itangazo ryasomwe kw’igenekerezo rya 13 ukwezi kwa gatanu 2015,igihe umurwi ugizwe n’abasirikare n’abapolisi wamenyesha ko utembagaje ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Gen Cyrille Ndayirukiye ariko yahakanye ivyo yagirizwa ko yishe abapolisi, abasirikare kandi ahamagarira abanyagihugu gufata ibigwanisho ngo basenyure inzego za Reta.

Yasavye ko imbere yuko sentare ibandanya urubanza, basubiye kurenguka yotumako General Potien Gaciyubwenge yahoze ari umushikiranganji wo kwivuna abansi , General prime Niyongabo, umukuru w’ ibiro bikuru vya gisirikare na General Godefroid Niyombare yari kw’isonga ry’abagomvye gutembagaza ubutegetsi.

Gen Cyrille Ndayirukiye yavuze ko yari umuhanuzi gusa kandi ivyo yakoze vyose bari babizi kanatsinda ngo umuhanuzi nta ngabo ategeka aba afise.

Uko ari 28 bose bagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi, guhamagarira abanyagihugu gufata ibirwanisho ngo barwanye Reta, kwica abasirikare n’abapolisi hamwe n’abanyagihugu hamwe no gusambura no kwonona inyubakwa.

Bitegekanijwe ko urubanza ruzobandanya ku wa mbere igenekerezo rya 28 Kigarama 2015.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.