Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi basabiwe gupfungwa ubuzima (...)
Abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi basabiwe gupfungwa ubuzima bwose
mercredi 6 Nzero 2016
Umurwi w’abasirikare n’abapolisi 28 bagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 ukwezi kwa gatanu, basabiwe igihano c’umunyororo w’ubuzima bwose.
Mu ntahe y’icese yo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 6 Nzero 2016,abasaba indishi y’akababaro nibo batanguye kwumvirizwa.
Uwaserukiye igisirikare c’Uburundi yasavye indishi ingana n’amahera y’amarendi agera ku 793.951.900 y’ibikoresho n’inkoho vyazimiye ku matariki ya 13 na 14 ukwezi kwa kane, hamwe n’ayakoreshejwe mu gushingura abasirikare 9 bahasize ubuzima.
Ubushikiranganji bw’umutekano bwasavye indishi y’akababaro y’imiliyaridi 13 n’imiliyoni amajana atanu, bukavuga ko umugambi wo gushaka gutembagaza ubutegetsi watanguye kuja mu ngiro ku musi wa mbere w’imyiyerekano.
Radio Rema FM yaturiwe n’abashaka gutembagaza ubutegetsi isaba indishi y’akababaro y’amafaranga y’amarundi agera ku miliyaridi 4.213.800.000 ku bikoresho n’inyubakwa vyononekaye.
Umushikirizamanza abagiriza ivyaha vyo gushira mu ngiro gushaka gutembagaza ubutegetsi no guhamagarira abanyagihugu gufata ibirwanisho ngo barwanye reta, kwica abasirikare n’abapolisi hamwe n’abanyagihugu hamwe rero kwonona no gusambura inyubako.
Ku ncuro ya gatandatu barengutse mu ntahe y’icese, abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi basabiwe n’umushikirizamanza igihano co gupfungwa ubuzima bwose.
Gen Cyrille Ndayirukiye, icegera c’uwari arongoye uwo mugwi washaka gutembagaza ubutegetsi, Gen Godefroid Niyombare, yiyemereye icaha co gushaka gutembagaza ubutegetsi, ariko ahakana ibindi vyose yagirizwa kandi yanse no kugira ico avuze ku gihano yasabiwe ngo kuko urwo rubanza rutisunze amategeko.
Gushaka gutembagaza ubutegetsi vyabaye kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015,inyuma y’indwi hafi zibiri hatanguye imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza.
IGIHE
Messages
6 Nzero 2016, 15:40, par Ernest ruyig
Mama we ubutungan nibukor!
6 Nzero 2016, 16:10, par Frodebu
Bagirimana na muri Saudialabia barigucibwa ayomazosi nkimisambi.
6 Nzero 2016, 16:41, par CISIMIL
abobagabo nibihangane umuntuwese agererwa ibikwiranye nivyoyakoze kudeta ntigishoboka muburundi
6 Nzero 2016, 19:11, par Aime
igihe.bi ngira yaguzwe naba DD. maze kurungika 2fois messages mugabo ntizihite
6 Nzero 2016, 21:40, par Iribuka Yagarutse
Izo ntwari z’uburundi zashatse kubogora igihugu nizihangane ubuzima bwabo bizere ko butazoherera mumunyororo ivyo nivyipfuzo vy’abacangero ba farawo Imana nayo ntibazi ivyigomba,ntwari mwashatse gukura igihugu mumanga mugasanga abakunzi b’inda nibo biziziye iki gihugu nimureme kandi mwihanganire agacinyizo ka farawo ,umusi w’iherezo ryiwe uriho
6 Nzero 2016, 21:46, par BIFASHH
Abanye Poltiq Raba Ryiza Mutdusubiz Ahahis Mubona Aho Vyatugjej
6 Nzero 2016, 21:48, par BIFASHH
Abanye Poltiq Raba Ryiza Mutdusubiz Ahahis Mubona Aho Vyatugjej
6 Nzero 2016, 22:40, par ckidaidi
turabashimiye kurubanza mwabaciriye ubu turi muri democlas
7 Nzero 2016, 09:22, par Manirakiza diomedi
yemwe bararaba murabo28ntibahanwekumwe kukoharimwo abakoresha abandi
7 Nzero 2016, 12:10
mbega igihe president yavumera ati igihe ca coup d’etat ko carangiye barihe?babice bishoboka.
8 Nzero 2016, 13:55, par Florien
Abobagabo Bashatse Gutembagaza Ubutegetsi Ibihangane Koko Bashaka Kudusubiza Mukaga Imana Irabogora Nibihangane?
8 Nzero 2016, 14:47, par Kagame yves
Imber yuko basabir umuyoror wuguherayo nibanz bazan godfrua niyombar kuk abo babay abatumwa!
8 Nzero 2016, 22:17, par vincent
Nîbabahane kuko ntawundi muti nanone. Ivyakozwe nabahunze ulubanza lulabalîndiye.pasfic vital magi.sinduhije minani .bahanwe atakigongwe
8 Nzero 2016, 22:28, par diomede inteyiteka
mbega koyansekwumvira IMANA abantu bo??nkurunziza bazihurira niyabaremye
8 Nzero 2016, 22:29, par vince
Bahane wegamila umugabo atagîla inguvu ugakubitanwa nawe.
9 Nzero 2016, 15:31, par Jackson.Nsabimana,35
Nisawakuriyo NKuru Wabivuzekiki?
10 Nzero 2016, 16:47, par Hatungimana jeanpaul
Miburo
10 Nzero 2016, 16:52, par Hatungimana jeanpaul
Ndibaza ko imyaka basigaje kubaho atariyo myaka intwaro yaba DD isigaje,
11 Nzero 2016, 09:46, par Rora
Ntac Tubivuzek Na Gahomera Bunwa
11 Nzero 2016, 09:48, par Rora
Ntac Tubivuzek Na Gahomera Bunwa
16 Nzero 2016, 09:56, par B.Gervais Wasafi
Ahubwo Nuko Igihano Cogupha Cakuweho,barabo Kwicwa Kuko Hononekaye Vyinshi,hapha Benshi Kuberabo.Hofatwa Amatungo Yabo Yose Hakaba Hararariha Bimwe.Hama Baphungwe Wa Herayo.Biphuza Ubutegetsi Nabi,ubu Butangwa Natwebwe Abenegihugu.