IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi basomewe urubanza mw’iyungururizo

Abagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi basomewe urubanza mw’iyungururizo

lundi 9 Rusama 2016, par egide

Abanyororo 21 muri 28 bagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi baciriwe igihano c’ugupfungwa ubuzima bwabo bwose, bakaba kandi batarekuriwe gukora akazi ka Reta mu kiringo c’imyaka 20. Igihano c’ugupfungwa ubuzima bwabo bwose nico ca mbere gikomeye mu Burundi.

Muri abo 28 abandi batanu baciriwe urubanza rw’ugupfungwa imyaka ibiri, bakazotegerezwa gufashanya bose uko baciriwe ibihano ari 26, mu kuriha indishi y’imiriyardi 6 z’amafaranga y’amarundi ku vyononekaye igihe haba ukwo kugeregereza gutembagaza ubutegetsi. Iyo ndishi isabwa ifatira no kuri bimwe bimwe vyononywe imbere y’iryo geragezwa ry’ugutembagaza ubutegetsi.

Mu basaba indishi harimwo Radio Télévision Rema FM yasambuwe uwo munsi w’igenekerezo rya 13 Rusama 2015, mw’igeragezwa ry’ugushaka gutembagaza ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA.

Mu baciriwe urubanza rw’ugupfungwa ubuzima bwabo bwose, Général Prime Ngowenubusa hamwe na Colonel Jean Bosco Daradangwa, bari bambitswe izera mu rubanza rwa mbere.
Sentare yaciye itegeka ko abo bari bamitswe izera botabwa muri yompi ubwo nyene, kuko atariho bari muri urwo rubanza.

Reta y’Uburundi ibicishije ku bushikiranganji bwo kwivuna abansi n’ubujejwe umutekano, ivuga ko yahatakarije ibikoresho vyinshi n’abasirikare hamwe n’abaporisi, hakaba kandi n’umugambwe CNDD FDD uvuga ko wasamburiwe ingoro n’ibikoresho.

Mu burano zatanzwe, hariho kandi n’abantu barenga 10 ku giti cabo bavuga ko bahakomerekeye, bakahamugarira canke bakononerwa ivyabo, nabo bakaba basaba indishi
Umucamanza wa mbere akaba ataco yari yabivuzeko, akaba yari yamenyesheje ko ata vyemezo bikwiye vyari vyatanzwe.

Inyuma y’urwo rubanza rwaciwe, abagirijwe bafise uburenganzira bwo kwunguruza muri sentare gasamburamanza.


IGIHE

Messages

  • NTAKUNDI NIBABAHAN KUKO IZONINKORABARA! ZATWONONEY IBINTU!

  • NIBAKAMUKE URARUKARISHARUKAKUMWA

  • umva mwabacamanza mufise iyo dosiye,nimiti babahaye izontozo zabicanyi! non nimwiyumvire ivyapfuye le 13/05/2016 na le 14/05/2016,mbe mwabacamanza mwe mwari i bujumbura canke mwaba i gitega? aho muriko mubafyinisha nka ba bebe,yaba mwari ino i Buja muba mwarabitunganye,kandi nimureke gutera umutima mubi abarundi nimuheze iyodosiye ntituze dusubire kwumva ababantu bariko baravugwa kumaradiyo na za internet

  • Twari mwrwaniye igihugu nimureme,bobavuze ivyo nkabantu ,har’Imana iri mw’ijuru niyo izovuga iryanyuma,nkurunziza yari yaciriwe urwo gupfa,yarapfuye namwe rema,umwansi agucira icobo Imana ikagucira icanzo

  • Ivyo ntagitangaje mbonamwo,muburundi ntabutungane dufise gusa hari uturwi nkurumbi yishiriyeho ngonabacamanza,icukuri barya ntibacanza bakwirikije imburano canke ngo basome amategeko,bobarundi basoma ivyanditswe nakakarwi gapfukamye igihugu munda,ariko bibuke ibi-ntagahoraho na herodi yartwaruye

  • Nibareme kandi bararemye uravye ukuntu bifata iyo bagiye kuburana nabagabo pe,imburakimazi zicare zizi ko impera nimperuka ukuri niko kwama gutsinda

  • Urwo rubanza rwaciwe na shetani

  • Bararaba babatezurire kuko hagirirwa ikigongwe uwacumuye nimana irarekurira nabana bayo na président nagire ikigongwe kko nisebarundi murakoz.

  • Ahobukera zigahindura imirisho abobiyita abacamanza bazomaramara nibabona izontwari zidegevya kuko urwosurubanza ntirementanya mugabo uwomushaka kunezereza arabahenda haraho muzosigara murawota yiraramiye

  • Iyo udaseseye igihugu cawe amaraso imbwa ziyanywera ubusa! Abo Ni abagabo! Incungu z amasezerano y Arusha na constitution.

  • abo.bagirizwa.gushaka.gutembagaza.ubutegetsi.nibabahane.babihanize.kuko.iyokudeta.iyiza.kuba.ubu.habaharubwicanyi.butagira.izina

  • AHUBWO BARIBAKWIYE GUPFA KUKOBAGOMBA KWICABECHI

  • nibabakanye gose kuko bagovye gukwegera abarundi mumbwicanyi batagirizina, kubijanye niyondishi yivyobononye sentare nibirabe hama itange uruhusha bateze icamunara ivyobaribatunze...

  • Babigira.Bibazako.Bitabagarukako.

  • Uwubuz Iko Agira(....)l Etat Nkiyo Yobur Hako Itesha Urubwa Ayandi Ma L Etat.Ivyo Namw Mwonony Mwiciriy Imyak Ingah?Muzotang Angah?Sha,ntakwo Mwovga Kuk Mwamaz Kubnako L Etat Yifuts Ibihunda.Mwamfungw Mwe,ni Mureme Muzovay Knd Muzocra Imanz Namw Abo Bazibcira Bakabcira Izitbereye.Cndd Fdd Harumus Numw Idahmba?Arko,yimbe Yigra.

  • Murabigiramubizi Ubutegesti Bwanyu Busigaje Umwanya Nkuwurumerumara Twariyemej Kurwanira Igihugu Kandi Abo Tuzobakurayo Mwihende musibe Mubanira Ubu Mugukubita Inzoka Duherakumutw Mwemupfunzwe Nimureme Muzotaha Namanera Yaratash Reme Ntitwicay Turinyuma Yanyu Hinge Tumupfatish Iminwe Inguvu ziruta Izambere Mwibuke Ko Abisirayeri Vyabagoy Ariko Bashiste Mugihugu Cisezerano Mwihangane Imana Ihindure Amateka

  • nubundi ntibahanywe inzo nkorabara! zahahwe n’ugusesa amaraso

  • basha nimurek umuvumowarabafashep!bavuznguwuzotangur intambar izoherera iw!rekabonyenebamaran!tuzozaduhohosh.abapfunzw mwihangan muzovayo ntamvuridahit.umututs arinyuma yankurunziz urikivum arikumumeny kwatampumyirongorizind!vibuzimu yarabivuz kwazobamesa!iyondamwitwaj!mwarabony kwihonyabwoko yarihrey mugisodacakra!arabsha imisihz siyisigay.ugutwikwibwa?...... .

  • Uwaciye Urubanza We Yakoze Ivyiwe!Erega Atarugoretse Ntaho Yorara?Ntawomugaya Yariko Akingira Urugo Rwiwe N’umuryango Wiwe!
    Abo Bazobwirizwa Kurekurwa Kandi Basubire Ku Mirimo Yabo.
    Abahizi Twakoranye Mu Mice Itandukanye Mu Kurwanira Amasezerano Ya Arusha.
    Ikinani N’umumenja Nkurunziza Mwibaza Ko Uburund Yabugiz Umuryango Wiwe?

  • Imana ni yonkuru gusa ntajoro ridaca kandi nta mvura idahita murakoze abica nibice kandi abicwa nibicwe uguhana kuva kumana nuguhanura kukava kuriyo nyene huuu uuu ntaco muze

  • Bacumugani mukirundi ngo "Kudahana imbwa kugwiza imisega "Abo nabo nibahanwenabandi babibone ntibaze basubire kwiyumvira ivya coup d’Etat nibaze twubake nyabuna igihugu cacu ciza Imana yaduhaye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.