Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi bafatiwe ingingo y’ukugumizwa mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi bafatiwe ingingo y’ukugumizwa mu (...)

Abagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi bafatiwe ingingo y’ukugumizwa mu munyororo

samedi 24 Gitugutu 2015, par egide

Abanyororo 28 bagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA bafatiwe ingingo y’ukuburana bari mu munyororo.

Iyo ngingo y’igisata buta CHAMBRE DE CONSEIL yafashwe inyuma y’aho, kw’igenekerezo rya 14 Gitugutu 2015, abagirizwa ugushaka gutembagaza ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA bitavye ubwa mbere, muri ico gisata bita CHAMBRE DE CONSEIL y’i GITEGA, aho ubutungane bwasabwa kwihweza ko boza baritaba ubutungane bidegemvya canke bapfunzwe.

Ingingo ya CHAMBRE DE CONSEIL ivuga ko bagumizwa mu munyororo bakaburana bapfunzwe ikaba yasohotse kuri uwu wa kane.

Abo bagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA bagiye kubandanya baburana bapfunzwe mu gihe umwe mu babafasha kuburana, umushingwamanza Lambert Nsabimana, yaheruka kunegura ingene abo banyororo bafashwe, akavuga ko abanyororo bane muri abo bagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi bapfungirwa mu kumba kamwe k’imetero zitatu kuri zitatu, ako kumba nyene akaba ariko baheza bagakoresha nk’ubwiherero. Umushingwamanza Lambert Nsabimana akamenyesha kandi ko kugira umwe muri abo banyororo ashobore gusohoka hanze bisaba uruhusha rudasanzwe rw’abaporisi bacunze ubwo busho, ari nabo bafise imfunguruzo z’aho bapfungiwe. N’abaje kuramutsa abo banyororo bakaba batoroherezwa kubonana nabo.


IGIHE

Messages

  • Bashake babice muri intwari peee,igihe igihugu kizokwikukira tuzobibuka peee iyo hataba irya mbwa gaciyubwenge ntimuba mutesetse,ntimugire ubwoba twese tuzopfa mugabo mupfuye muzize twebwe kandi igihe kiracariho aha IMANA yokora ibitangaza akabagobotora mu minwe ya Faraon ari nkurumbi.

  • baragashira baragahona izo nyankaburundi bakwiy kumanikwa ababafasha kubaburanira bakwiy gupfungwa nabonyen ninkozi z’ikibi.ngo barwanira twebw bagwanira inyaga zabo ziragahubuka.

  • @falcon
    Erega na we wobasangayo ko wumva ari ibitangaza vy’abarundi,aho ubashima ngo bashake bapfe ,genda musangire umunyororo pour demontrer ta solidarite idiot

  • Nibarekee kubatebereza urubanza ugwabo gwariciye nibacirwe gugupfa babebariruhikira kuko niyomanda barondera

  • Nibacigwe gugupfa ivyobainywamaraso

  • @Falcone wew ntubukwiy kwandk ngaha kurubuga kuko amajambo uvuga aranuka urimbesire nimba ubakunda saba umwe muribo atahe uje mukibanza ciwe wamushenziw murumva akarimi gusa @Fidelit komera kwibanga sha we,ndakwemra ufis ivyiyumvro vyiza hama abobajinga nabo nibabahambe babona.

  • @MBONERAKUNYA FIDELITE" wewe ntuzopfa?uzomara imyaka 100?

  • @MBONERAKUNYA FIDELITE" wewe ntuzopfa?uzomara imyaka 100?

  • @ festus

    Mureke guhendana. Murazi ko ivyo muriko murakora atarivyo nicogituma bitanahagaze neza. Mwibuke ko iyi project yo kubohoza igihugu atari iy’abatutsi gusa, natwe abahutu turi banshi cane kandi tweho ntituri kure y’abo mwita banyakwubahwa. Ikizovamwo cose, mugume mwibuka ko izi ngorane zose zatewe na Peter! Ntakunda umuntu numwe atari Inda yiwe. Wait and see.

  • fidelite ico womenya co itumbwe riraca kurihiye nticobuza kubatanga gushira bo batarashira hakuvuga nabi worya nabi kuvuguko siwo muti,umuti nuko borekurwa canke bapfungwa neza ntawudakosha uwoharura kuriyisi amakosa batwebwe tuyibako isi yose yocirwa urwgupha.

  • Bazorekurwa wa mbonerakunya wiyita FESTUS,embecile nikaso harinaho kobatanga gupfa zirya ningabo zigihugu,umukoma ni kaso na kanyoko badafise niya mbere.

  • Bobo bagovye guhirika ubutegetsi bw’uwabuhiritse k’umugaragaro.bagombe bacirirw urubanza nuwo nyene mwumva azobacira uruki?naw niyavako bazomucira uruki ga yemwe ?afurika wee!burundi wee!

  • Rekadukomezegusenga IMANA irabibonantibazotunyagangobikundekandi IMANA iharitwebwegusadushaka IMANA iduhe amahoro abonabobatukananibarekebasengebarabekobitazoshoboka .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.