IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abagirizwa ugushaka kugandagura Général Prime NIYONGABO bumvirijwe

Abagirizwa ugushaka kugandagura Général Prime NIYONGABO bumvirijwe

jeudi 19 Munyonyo 2015, par egide

Sentare ntahinyuzwa yumvirije kuri uwu wa gatatu abantu cumi na babiri bagirizwa ugushaka kugandagura umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto, Général Prime NIYONGABO.

Abo bagirizwa ico caha bumviririjwe mu biro vy’uwurongoye ibohero rikuru rya Gitega, bakaba bagizwe n’abasoda cumi hamwe n’abasivire babiri. Mu masaha 48 niho abo bagirizwa ico caha bazomenyeshwa namba bagiye kubandanya baburana bapfunzwe canke bidegemvya.

Imodoka y’umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare yakozweko igitero kw’igenekerezo rya 11 Nyakanga 2015, Ico gitero cabaye nk’igihe c’isaha icumi na zibiri n’iminota 45 z’igitondo,hafi y’ikiraro c’uruzi Muha,cabaye inyuma y’ukwezi kurenga,uwundi mu general Adolphe Nshimirimana agandagauwe,hari kw’igenekerezo rya 2 Myandagaro 2015 muri zone ya Kamenge iri mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.

Abantu indwi nibo bapfuye baguye mu gitero cakozwe mu gatondo ko kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 11 Nyakanga 2015, hafi y’ikiraro c’uruzi Muha. Abasirikare bane bamucungerera umutekano baritavye Imana, harimwo n’umuporisi umwe yaguye muri ico gitero.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.