Accueil > Amakuru > u Burundi > Abantu indwi bafashwe bagirizwa urudandazwa rw’Abarundikazi
Abantu indwi bafashwe bagirizwa urudandazwa rw’Abarundikazi
lundi 20 Ruheshi 2016, par
Amatohoza yakozwe n’igiporisi c’Uburundi ku bijanye n’urudandazwa rw’abantu yerekanye abigeme n’abakenyezi 267 aribo bamaze kujanywa hanze biciye mu nzira z’urudandazwa rw’abantu. Abantu indwi bagirizwa urwo rudandazwa bakaba bari mu minwe y’igiporisi.
Igiporisi c’Uburundi cerekanye kuri uwu w’Imana bamwe mu bagirizwa urwo rudandazwa, kiranashira ahabona amashirahamwe yo mu Burundi n’ayo hanze akorera hamwe muri urwo rudandazwa.
Nk’uko vyashikirijwe na OP1 Pierre NKURIKIYE umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, inyuma y’ayo matohoza hafashwe abantu indwi bagizwe n’Abarundi batatu hamwe n’abanya Kenya bane, hamwe n’amashirahamwe 11 akora urwo rudandazwa. Muri ayo mashirahamwe, ane akaba ari ayo mu Burundi, ane yo muri Arabie Saoudite, amashirahamwe abiri yo muri Oman hamwe n’ishirahamwe rimwe ryo muri Kenya.
- OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi
Uwo avugira igiporisi ashikiriza ko ayo mashirahamwe amaze kujana hanze abakenyezi n’abigeme bagera ku 267, kuva mu kwezi kwa kane gushika itariki cumi n’imwe z’ukwezi kwa gatandatu.
Mu mashirahamwe akorera mu Burundi, iryitwa, Royal Services rirongowe n’uwitwa NIYONKURU Ali, niryo biboneka ko ryarungitse hanze y’igihugu abigeme n’abakenyezi b’Abarundikazi benshi, nk’uko amakuru atangwa n’igiporisi abishikiriza. Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bakaba bavuga ko iryo shirahamwe ritemewe n’amategeko.
Umuvugizi w’igiporisi akamenyesha ko amatohoza abandanya, akavuga kandi ko abafashwe bafatanwe impapuro z’inzira zigera kuri 19 z’abandi bigeme bagira barungike, kenshi bakaba badakwije imyaka yo gushobora kurungikwa hanze, OP1 Pierre NKURIKIYE akavuga ko abo bigeme barondererwa ivyangombwa vya magendu vyerekana ko bakwije iyo myaka.
IGIHE
Messages
20 Ruheshi 2016, 10:51, par karorero
Nukur Banyakubahwa muhash izomburakimazi zigomba gutyoza reta yacu kuko abarwanij ububutegetsi bwacu baciy munzira zose zotuma amakungu ahaguruka akaturwanya rero niyo mpanvu hakwihenda wokwihekura naho boba arbo badufasha ibingana gut ko bagiy guhohotera abana buburundi nimubahan kand mubah amasaha bazob berekany aho bari kand mubakurikiran ko aribazima murakoz bitabay ibyo ntituzobemerera ko mutuyobora mutatwitwararika ibisiga bikadutwara abana niharambe uburundi na barundi murakoz.
20 Ruheshi 2016, 11:09, par tari
Imvugo za nkurikiye nurudubi nkurikiye uyoberwa kwari umuvugizi wigipolisi canke ari umuvugizi wumugambwe vyose bikakuyobera
20 Ruheshi 2016, 11:47, par BUTOYI
TURI UMU PO RI SI WIMAYI NONE UWO MUTE KANO WA HUNGA BANYE RYA RI
20 Ruheshi 2016, 13:09, par MUYAHUDI
ABOBAKORA UGWORUDANDAZWA NIMUBAHANE! ARIKO NGIRAMBAZ ABIGEM NABAGOR BAJA MWIVYOBIHUGU BIGENDAGUT KUGIRA BABANDANY BAJAYO KANDI BUMVA IVYABANDI BAKOREGWAYO? ABO NABATUZANIRA IMIGERA ITANDUKANY GUSA!
20 Ruheshi 2016, 14:29, par MARC MANIRAKIZA
JEWE MBONA BARI BAKWIYE GUHANA UBWO BUKOZI BW’IKIBI. NI KABIRI NA RIMWE BAKADANDAZA ABO BAVYAYE.
20 Ruheshi 2016, 14:50, par Peace
Ntawobideha Ivyo biva kwikena Ryakazi muburundi iyokabonetse naho umuntu Ntamenye iyogatangirwa
20 Ruheshi 2016, 17:32, par karije
umugore wanj yaragiye yantanye abana babiri ariko ntakundi hariya usa nuwuba agiye mukuzimu
20 Ruheshi 2016, 21:41, par FELIX MUHIRE
Uwu muntu yitwa Peace ashobora kuba avuga ibisunitswe n’umuyaga. None ako kazi, kabuze abagore n’abakobwa gusa. Kuki ata musore bajana canke abagabo bubatse? Wewe ushaka ukuntu ugengetereza ngo uvuge nabi ubutegetsi, ariko biraboneka ko urwo rudandazwa rufise iyindi ntumbero.
20 Ruheshi 2016, 23:00, par Matata
TARI YARAPARANGANYE.NONE NABO BAMENJA BADUTWARA ABANA NABAGORE BACU ARABASHIGIKIYE?BOBANZA BAKAMVWARA UWIWE NIHO YOSUBIRA KUVUGA NABI NKURIKIYE,
20 Ruheshi 2016, 23:18, par kizigena
@tari (umurwayi wo kwa le gentil). Ubwo nturanywa imiti yabasazi niyo mpamvu uvuga ibitabapfu.
21 Ruheshi 2016, 06:58, par umuhire sandrine
none umuntu araheza kwiga agaca abura akazi ukicara ukaba mayibobo none naho twisunikiraga muri ville batwirutseko nibatwijanire tujende gukora ubumaraya ndabona ivyiburundi aramayobera ndibabace intege twatanguye urugendo omn hari inoti njewe uwanjanayo kabisa muburundi vyatuyobeye yemwe barundikazi kaza mwendo
22 Ruheshi 2016, 05:32, par Elvis-Mapoz
Ni batuze ako kagwi!
22 Ruheshi 2016, 05:35, par Elvis-Mapoz
Ni batuze ako kagwi!
22 Ruheshi 2016, 08:08, par mzoyihera intagoheka
Ubwo bubeshi bwanyu buzobageza kure, mbega iryo shirahamwe rivurwa ridakwije amategeko, ukwamashirahamwe atagura turakuzi, ntashirahamwe rikora mugihugu ritazwi nu bushikiranganji bwitwaro yo hagati mugihugu, ntigishoboka, nimuhende abobana. Turabizi yuko mubategetsi bakuru bakuru bomurwego rwohejuru ko babifisemwo uruhara rwo kudandaza abagore nabigeme. ntavyishi mvuze ariko ivyanyu vyaramenyekanye, nimusonze mwireme
22 Ruheshi 2016, 10:32, par ukuri
amanyanga bagenzi!
22 Ruheshi 2016, 13:59, par Niyonkuru Joel
Kare Havugwa Urudandazw Rwa Nyamwema,! Bigeze Ku Bavyey Na Bashiki Bacu!! Ko, Ibije Bishikira Ubund Na Babwo? Mana We Gira Utugarukire ,
22 Ruheshi 2016, 16:34, par Silvain
Amanyanga azobaherana.
uwicisha inkota niyo izomuheza.
imana ihora ihoze.
23 Ruheshi 2016, 19:54, par Leonard Ndayiragije
ni barwanye izo nkorakibi
23 Ruheshi 2016, 20:22, par Wilson
Isi igeze habi
24 Ruheshi 2016, 19:15, par MINANI,ALOYS
ABANTUNIBABUMBWENIVYOBAHAWENIMANA
24 Ruheshi 2016, 19:30, par Dieudonne
Emwe Uburundia Bwabaye Nabi?Urudandaza Rwabagore?Mana Garukira Uburundi Ni Diuedonne
25 Ruheshi 2016, 20:09, par Jeanine
Nabo barabonye ko muburundi ko dukenye ubu bageze kugwego go gushora abantu nibatuze izo nkozi zikibi
27 Ruheshi 2016, 09:24, par BOSCO
AMAKURU YINKINO
13 Ndamukiza 2017, 21:20, par MUGISHA EVARISTE
JEWE MBONA MUKUJA GUPAGASA BOBIMENYESHA INZEGO ZIBIJEJWE