Accueil > Amakuru > Poritike > Abagize ama CECI barahiye imbere y’aba CEPI
Abagize ama CECI barahiye imbere y’aba CEPI
mercredi 5 Munyonyo 2014
Abagize umurwi ujejwe gutegura amatora ku rwego rwa komine CECI barahiye imbere y’aba CEPI.
Ivyo bikaba vyabaye mu gihugu cose kuri uno wa gatatu, igenekerezo rya 5 Munyonyo uno mwaka . I Bujumbura ibirori bikaba vyabereye mu nyubakwa za Cercle Islamique ahahuriye abagize CECI muri mairie ya Bujumbura hamwe no mu ntara ya Bujumbura.
Mu ntara ya Bururi ,imigambwe FRODEBU,FRODEBU NYAKURI ,UPRONA na UPD Zigamibanga baridoga, bakavuga ko mu tunenge baribashikirije umurwi ujejwe gutegura amatora CENI (Commission Nationale Electorale Indépendante) ku bijanye n’uko iyo migambwe idafise ubuserukizi bukwiye kitigeze gifatirwako.
Uwusanzwe arongoye CEPI Bururi asaba abo bagize ama CECI gukora batiziganya kandi mu bwigenge ntangere batarinze guhagarara ku vyo ababarungitse muri ayo ma CECI babasaba. Muri iyo ntara kandi umukenyezi umwe ava mu bwoko bw’abatwa yakuwe kuri urwo rutonde kuko vyagaragaye ko atavuka muri komine ya Vyanda , eka ngo nokubayo siho asanzwe aba.
Floxella Karire
Messages
6 Munyonyo 2014, 07:21, par Nkurunziza
Ahotugeze abarundi twaridukwiye kuvugana ukuri CENI sumugwiwigenga nkuko Ndayikengurukiye avyivugira numugwi wegwmiye CNDD EFDD.Jewenabajije umuntu womuri CENI nti none hamwe vyoshika CNDD EFDD ingatsindwa Ndayikengurukiye yovugako CNDD EFDD yatsinzwe,yanyishuye ati,arinkawe wobivuga.Aboba politisie biteze intsinzi kuri CENI NIBASUBIZE AMERO MWISAHO. Kumw,IMANA ntakidashoboka.