IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abagize umurwi CVR biyemeje gufasha gushira ahabona ukuri

Abagize umurwi CVR biyemeje gufasha gushira ahabona ukuri

mercredi 10 Kigarama 2014

Ugukora akazi ataho bahengamiye kugira bashire ahabona ukuri kuzotuma abarundi basubiza hamwe, niyo ndahiro yashikirijwe n’abaherutse kugenwa kugira baje mu murwi w’igihugu wo kumenye ukuri no gusubiza hamwe (CVR).

Mu gatondo ko kuri uwu wa gatutu, igenekerezo rya 10 Kigarama 2014, abaherutse kugenwa kugira baje mu murwi wo kumenya ukuri no gusubiza hamwe (CVR) barahiye imbere y’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza hamwe n’abashingamateka, mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe.

JPEG - 316.4 ko
Musenyeri Jean Louis NAHIMANA, umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ugusubiza hamwe

Nk’uko bagiye barakurikirana, uhereye ku mukuru w’uwo murwi, Musenyeri Jean Louis Nahimana, bafashe ku kuboko kw’ibubamfu ibendera ry’igihugu n’iry’ubumwe, abo bagize umugwi CVR bashikiriza indahiro zabo biyemeza gukora ataho bahengamiye. Biyemeje kurangura neza imirimo bashinzwe, mu ntumbero yo kumenya ukuri kuzotuma abarundi basubiza hamwe. Biyemeza kandi kwubahiriza itegeko rishiraho itunganwa ry’uwo murwi wo kumenya ukuri no gusubiza hamwe.

JPEG - 334.1 ko
Musenyeri Bernard NTAHOTURI, icegera c’umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ugusubiza hamwe

Mukamenya ko ivyo birori vyari vyitabwe n’abanyecubahiro batandukanye, uhereye ku mukuru w’igihugu, icegera ciwe ca mbere, umuhuza w’uburundi, abahoze barongoye Uburundi, abashingamateka, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi. N’umushingamateka wo mu mugambwe Uprona, Bonaventure Niyoyankana, yari yitavye ivyo birori naho umunsi bagena uwo murwi wa CVR atari yaje.

JPEG - 328.6 ko
Clotilde NIRAGIRA, umunyamabanga w’umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ugusubiza hamwe

Bonaventure Niyoyankana akamenyesha ko atashoboye kuhashika umunsi babagena, kuko yari mu rugendo rw’akazi, ariko akavuga ko ku munsi barahira atari kureka kuza kubashigikira. Ku bwiwe, uwo mugwi ugizwe n’abantu bakomeye kandi b’inararibonye, bakoze neza, akizera ko uwo mugwi ushobora gushikana abarundi ku ntambwe ishimishije y’ukumenya ukuri ku vyabaye.


Alida Sabiteka

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.