Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urutonde rw’abagore 10 bakomeye muri Afrika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Urutonde rw’abagore 10 bakomeye muri Afrika

Urutonde rw’abagore 10 bakomeye muri Afrika

samedi 15 Munyonyo 2014

Umugabane wa Afrika urafise abakenyezi b’icabwenge bafise ico baterera cane mu bihugu baturukamwo. Bamwe bamenyekana kubera ibikorwa vya poritike, abandi kubera urudandazwa, n’abandi bakora ibindi bitandukanye. Benshi muri abo bagore bava mu bihugu bikoresha ururirimi rw’icongereza.

Urutonde rw’abagore rukurikira rwakozwe n’insamirizi y’abafaransa RFI, abo bagore ni aba bakurikira:

1) Nkosazana Dlamini-Zuma, wo muri Afrika y’Epfo, afise imyaka 65 akaba ari umuganga mukuru (Medecin de formation). Kuva mu mwaka w’i 2012 yararongoye igisata c’ishirahamwe ry’Afrika (Commission Union Africaine). Arazwi cane mu gihugu iwabo aho yabaye umushikiranganji w’amagara y’abantu, w’imigenderanire n’amakungu, n’uw’intwaro yo hagati mu gihugu. Jacob Zuma yahoze ari umugabo wiwe yamusavye ko yomusubirira ku butegetsi mu matora yo muri 2019.

2) Ellen Johnson Sirleaf, afise imyaka 76, avuka muri Liberiya. Mu mwaka w’i 2011 yahawe agashimwe k’uwaharaniye amahoro( Prix Nobel de la Paix). Mu mwaka w’i 2006 yari yaratowe, yongera gutorwa mu 2011. Ellen Johnson Sirleaf yahoze ari umushikiranganji w’ikigega ca Reta, yahoze arongoye banki nkuru y’igihugu, yarabaye kandi umuyobozi w’ishirahamwe mpuzamakungu PNUD muri Afrika. Inyuma yaho habereye ubwicanyi ku ntwaro ya Charles Taylor, uwo mugore yaciye ashiraho umurwi wo kumenya ukuri no kurekuriranira. Ico gihe, nta muntu n’umwe yagirwa n’ubwicanyi bwo mu mwaka w’i 1989 na 2003, yararekuriwe kuja k’ubutegetsi

3) Louise Mushikiwabo, n’Umunyarwanda afise 57. Mu mwaka w’i 2009, yabaye umushikiranganji w’imigenderanire n’amakungu no gufashanya, ico gihe yarerekanye ishusho nziza y’igihugu ciwe mu makungu. Ikirwanisho gikuru yakoresha cari umurongo wiwe wa Twitter, aho yakunda gukoresha ijambo "Irresponsable"igihe ishirahamwe mpuzamakungu "ONU" ryagiriza ko Urwanda rwoba rutera igihugu ca Congo iharanira intwaro rusangi. Uwo yegereye cane ubutegetsi bwa Paul Kagame, yahoze kandi ari umutegetsi mw’Ibanki y’iterambere ya Afrika (BAD). Yabaye imyaka 2 muri Amerika aho yarongoranye n’umugabo wo muri Amerika imbere y’uko asubira mu Rwanda mu mwaka w’i 2008. Mu mwaka w’i 2010, Louise Mushikiwabo, yarahiganwe kurongora igisata c’abagore mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU hama aratsindwa mu matora na Michelle Bachelet ico gihe yari umukuru w’igihugu ca CHILI.

4) Ngozi Okonjo-Iweala, w’imyaka 60 avuka muri Nigeriya. Yarabaye umushikiranganji w’ikigega ca Reta mu mwaka w’i 2003 gushika 2006 ku ntwaro ya Olusegun Obasanjo, ico gihe Nigeriya yarahebewe amadeni angana imiriyaridi 18 z’amadorari, aca afata ingingo yo kurwanya igiturire . Mu Mwaka w’i 2007 ushira 2011, yari umuyobozi mw’ Ibanki y’Isi(Banque Mondiale), yaritoje gutwara iyo banki mu mwaka w’i 2012 ariko aratsindwa. Ngozi yize muri kaminuza y’i Havard.

5) Isabel dos Santos afise imyaka 41, avuka muri Angola. Ni umukobwa w’imfura wa José Eduardo dos Santos umukuru w’igihugu ca Angola. Uwo yabaye umugore wa mbere yikorera ivyiwe atunze cane muri Afrika, ubutunzi bwiwe buharugwa mu miriyaridi 3,7 z’amadoari, icigwa cakozwe n’ikinyamakuru Fobes. Isabel Dos Santos, yavukiye i Bakou, nyina wiwe ni umu Rusiya wo mu murwango w’abaganwa, yatanguye kuba adandaza inzahabu za dimants, amacima, ivyo bita mu gifaransa"energie, les Telecoms, l’immobilier, n’ibindi. Yahavuye arongorwa na Sindika Dokolo umudimudimu avanze amaraso na Danemark na Congo, nawe nyene yari umurwizatunga karuhariwe.

6) Folorunsho Alakija w’imyaka 63 avuka muri Nigeriya. Yatanguye kuba ari umunyamabanga (ntibavuga aho yabaye umunyamabanga) hama aba umunyamideri. Amaze kurongora ishirahamwe ryimba i peteroli ryitwa "Famfa Oil" yaciye acika umurwizatunga karuhariwe. Mu mwaka w’i 1993 yarahawe agashimwe n’ubutegetsi k’uruhusha rwo gucukura i peteroli. Ku rutonde rw’abagore batunze muri Afrika aza ubwa kabiri akurikira Oprah Winfrey kuko wewe yarafise imiriyaridi 3,2 nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru co muri Nigeriya.

7) Bridgette Radebe w’imyaka 54 avuka muri Afria y’Epfo, ari mu bagore ba mbere batunze muri ico gihugu kubera ishirahamwe ricukura ubutare "Mmakau Mining". Umugore w;umushikiranganji w’ubutungane Jeff Radebe akaba na mushiki w’umurwizatunga karuhariwe Patrice Motsepe. Ni kandi muramu wa Cyril Ramaphosa, yabaye icegera c’umukuru w’igihugu ashobora kwitoza mu matora yo mu mwaka w’i 2019. ubu naho afise w’ihinguriro rikomeye.

8) Dambisa Moyo w’imyaka 46 wo muri Zambiya, yize ivy’ubutunzi muri kaminuza z’i Oxford na Havard. Mu mwaka w’i 2013, yatowe mu bantu 100 bafise ivyiyumviro bikomeye. Umwanditsi w’ibitabo, yarabaye umuhanuzwa jambo mu mashirahamwe SAB-Miller, Barclays Bank na Barrick Gold.

9) Ory Okolloh afise imyaka 37 wo muri Kenya. Niwe arongoye "Google Africa" kuva mu mwaka 2010. Yize amategeko muri kaminuza y’i Havard. Uwo akoresha cane umurongo wa Internet yarashizeho imirongo ngurukanabumenyi nka"Mzalendo" bisigura umunyagihugu hanyuma ashiraho uwundi murongo witwa "Ushahidi" bisigura Icabona. Kubera iyo irongo yarashobora kumenya ibijanye n’ihohoterwa ry’ubuzima bwa kiremwa muntu ryariko ribera muri Kenya canke nyamugigima yabereye muri Haiti.

10) Adama « Paris » Ndiaye, w’imyaka 36, umunyamideri wo mu gihugu ca Senegal. Mu mwaka w’ 2002 yateguye isabukuru rya "Black Fashion Weeks" mu bisagara nka Dakar, Paris, Bahia, Montréal na Prague. Iyo mideri yiwe yatumye hatanguzwa n’iyindi myinshi k’umugabane wa Afrika. Uwo yarashinze n’imboneshakure yiwe yise "Africa Fashion", yagiye k’umugaragaro muri Ndamukiza 2014 i Dakar. Ubu naho afise imigambi yo gutanguza uruganda rwo gukora ibitenge muri Senegal.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.