Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abagore benshi barwaye kubera kwambara ibirato bihagaze - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Abagore benshi barwaye kubera kwambara ibirato bihagaze

Abagore benshi barwaye kubera kwambara ibirato bihagaze

vendredi 7 Ruheshi 2013

Ibirato bihagaze biratuma umuntu aberwa kandi ugasanga umuntu atambuka neza.
Turabizi ibirato bifise amataro manini ntivyoroshe nk’uko umuntu yokwiyambarira nka vya birato vy ’abantu binonora imitsi.

Icigwa rero giherutse kwerekana ko abakenyezi 90 kwí’jana barwaye ibirenge bivuye kuri ivyo birato bihagaze bambara, nakare ugushaza ni ugushinyiriza.
Ibirato bifise itaro rirerire n’ivyo vyerekana cane ko umuntu ari umukobwa bibatandukanya n ’abahungu. Ariko igitangaje ni uko tubona ukuntu bitoroshe kwambara n ’ukuntu mbere bitanabangutse, ahubwo turemera n’ukuri abantu bama bavyambaye imisi yose.

Icigwa co mu Bwongereza aho ivyavuye muri ico cirwa vyatangajwe muri Daily nico cerekana ko abakenyezi bashobora kuba bahakura indwara muri uko kwambara ibirato birebire ngo gusa bagomba gushaza. ikiringo c’ísaha n’iminota 26 n’amasegonda 48 n’iwo mwanya umuntu ashobora kwambara ikirato ataratangura kwumva asha. Ku bantu 20 kw íjana babajijwe kuri abo bambaye ivyo birato birebire, ngo boba bishika haheze iminota 10n gusa umuntu acambaye.

Ku gice kimwe kuri bine vy’abantu babajijwe bavuga ko boba bama baca bakura ibirato vyabo iyo hageze gutamba, batamba atabirato bambaye ahandi naho igice 1 kuri 3 c ‘abagore aho baca babikura iyo hageze ko bataha muhira. Kenshi mbere abakenyezi benshi boba bagenda batwaye twaturato twohasi twita ballerine mu masakoshi yabo.
Ico cigwa kikaba cagizwe ku bongereza bashika 2000, abakenyezi 20 kw íjana muri abo bakaba bavuzeko batigeze bafata ivyo bintu nka nkama niyo bumvise babaye baca bavyihoza.

Ariko rero kwambara ibirato birebire birafise ingaruka mbi nyinshi. Iciza rero cari uko umuntu yokwirinda kwambara ibirato birebire cane ariko rero ivyo tubona siko biri.kuko ubu no kuva ku myaka 14 kuduga usanga bambaye ivyo birato.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.