Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abagwizatunga barashima indwi yahariwe u Bubiligi mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Abagwizatunga barashima indwi yahariwe u Bubiligi mu Burundi

Abagwizatunga barashima indwi yahariwe u Bubiligi mu Burundi

mardi 26 Ruhuhuma 2013

Kuri uyu wa mbere haratanguye mu Burundi indwi yahariwe igihugu c’u Bubiligi. N’akaryo ku mashirahamwe akomoka muri ico gihugu guhura bakaganira hanyuma n’abategetsi b’u Bubiligi bakagendera u Burundi. Abagwizatunga b’u Burundi barashima ako karyo.

Kuri uyu wa kabiri, hatanzwe ibiganiro ku bijanye n’ingene abagwizatunga boroherezwa mu Burundi. Ngo harabonetse akarusho ugeranije n’imyaka iheze kuko ubu hasabwa impapuro nke bigatwara n’;umwanya muto bitarenze umunsi umwe kugira umugwizatunga yugurure ihinguriro ryiwe. Abahinga batanze ibiganiro bavuze kandi ko mu mwaka w’2011, u Burundi bwari mu kibanza c’indwi kw’isi mu bihugu vyorohereza abanyamitahe, mu mwaka w’2012 naho ngo u Burundi bufise ikibanza ca gatanu mu bihugu vyo kw’isi mu kworohereza abazana imitahe yabo mu Burundi.

Abagwizatunga bo mu Burundi bagizwe ahanini n’abikorera utwabo, abari mu mahinguriro n’abandi barashima ko u Bubiligi bwahisemwo kuzana ubuhinga n’ivyimviro mu Burundi. Bamenyesha kandi ko ari akaryo badashobora kwirengagiza kuko bahungukira vyinshi.

Baharonkera akanya ko kuganira na bagenzi babo ingene bofashanya mu bikorwa, ingene bohanahana ubuhinga n’ubumenyi, ingene bokunga ubucuti n’ingene boronka amasoko y’ivyo bahingura. Ivyo rero ngo ni akarusho ku mpande zose haba mu Burundi canke mu Bubiligi nk’uko abo bagwizatunga bavyivugira.

Baremeza ko igihe cose ibikorwa nk’ivyo bitunganijwe, hakurikira imigenderanire myiza hagati y ‘ivyo bihugu bibibiri. Basaba ahubwo ko bitosubira kuba rimwe mu mwaka, nyabuna ngo vyoba kenshi. Basaba Leta y’u Burundi nayo nyene kuja iratunganya indwi yahariye u Burundi mu Bubiligi.

Haraheze imyaka itari mike, igihugu c’u Bubiligi gitegura ibirori nk’ivyo kugira gihuze abagwizatunga b’abarundi n’ababiligi. Uno mwaka, iyo ndwi yatanguye kuri uyu wa mbere italiike 25 Ruhuhuma izorangira italike 3 Ntwarante 2013. Yuguruwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Hitezwe abagwizatunga barenga 40 bava mu Bubiligi bazohura na bagenzi babo b’abarundi kugira baganire ingene bokorana mu ntumbero yo guteza imbere ubutundi bw’u Burundi no kurahura ubwenge ingene abagwizatunga b’ahandi bakora. Ibanki y’isi yose izoboneraho akaryo ko kumenyesha abagwizatunga b’ivyo bihugu bibiri ingene ikora cane cane igisata cayo c’ubudandaji n’ubutunzi ‘’Doing Business’’.

Haritezwe kandi umushikiranganji w’u Bubiligi ajejwe ubutunzi n’amahinguriro matomato hamwe n’uburimyi umupfasoni Sabine Laruelle. Ikizoba kimuzanye n’ugushimangira ubucuti hagati y’uBurundi n’u Bubiligi mu vyerekeye gufashanya muvy’ubutunzi.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.